IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abayobozi b’indero mu makomine baronkejwe uburyo bwo kwiyunguruza

Abayobozi b’indero mu makomine baronkejwe uburyo bwo kwiyunguruza

mercredi 8 Mukakaro 2015

Kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 7 Mukakaro,ubushikiranganji bw’inyigisho mu mshuri y’intango n’ayisumbuye,bwashikirije abayobozi b’indero mu makomine yose y’igihugu amapikipiki azobafasha kurangura imirimo yabo neza.

Nkuko vyashikirijwe n’umushikiranganji w’inyigisho mu mashuri y’intango n’ayisumbuye Rose Gahiru,izo pikipiki zizofasha abayobozi b’indero mu makomine kurangura neza imirimo yabo ya minsi yose.

Rose Gahiru yavuze ko ubwo buryo bwo kwiyunguruza buzofasha abayobozi b’indero mu makomine gushika ku rubuga ku mwanya wo,kandi bizofasha abayobozi b’amashuri kuronka ababakurira mu mwanya wose bazoba babakenereyeko.

Izo pikipiki 129 zo mu bwoko bwa Lifan zatanzwe ku bayobozi b’indero bose mu makomine agize igihugu c’Uburundi.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Nihatari none kobavuga ngo nikugira bashike kuri terain hos biagorany ese igitoro bazokivana kumengo mu bushikiranganji bw’indero ni bamfumbashi?izozo zizokwama munzu.

  • emma
    reta ntako itagira yirundi yakora nuko atawushimwa nabose, president abarundi tuzogutora twaramaze kwitegurira gupfa kubwigihugu cacu. Bantu mwanka president siwe yigenye yagenywe nabanyagihugu kandi beshi, ntituzi reroko muzomutubuza kunguv

  • Nukuri nakigoro kadasanzwe kuko urabona ko indongonzi zuburundi zitayeho iterambere ry’Igihugu na cane cane ribishije mu mashure nico gituma umukuru wigihugu cacu tutazomuhweza ahubwo nivyo vy’i biringo bikwiye kuhava twebwe abanyagihugu tubishatse tugasubira kumwongera kuko akora ibirama.
    nkaha indero igiye gutera imbere bimwe biboneka.

  • IZOBAHORANA NAZ KARIHO AMAHERA YUBURUND AZOGWA KURE

  • Iyo nintwaro ibereye naba directeur buca baronka igikuru namahoro numutekano

  • Ikibabaje Nukotwiga Tukaronka Diplome Yokuryamana Munzu!Ntanisoni Uwomushikiranganji Agira Haheze Umwaka Urenga Atamwigisha Arose Akazi!Twiga Ngobitumarire Iki Ko Arugusesagura Ivyodutunze Vyonyene!

  • Erega nubundi nukobarwanka ubirama bibagira kworosha ibintu u Burundi mumyaka yindikurikira nka 10 abakozibose ntibozobaye bahembwa umushahara urwijijwe nakaniri ufatiye kuyobahembwa uyumusi uhereye kubarimu. Ntimugire ngondabeshe ubutwiyemejeko mumyaka mikeya itarenze 10 tuzoba twaratanguye kuzurura ubutunzi mumutungo kamere Imana yashize mugihugucacu.

  • GUTANGA MOTO NI KIMWE KUZIGIRIRA ENTREETIEN NI IKINDI HARI ABITWA ABA CARTE SCOLAIRE BAZIMARANYE IMYAKA ITATU ATA HERA NA RIMWE HABA IGITORO ;PIECES DE RECHANGE .UBU ZIRI MU MAZU NONE WUMVA AKAZI KABO KATAPFUYE N’ABANDI BIZOGENDA UKO RINDIRA URABE IVYO MURI ENSEIGNEMENT,

  • MWAKOZE NIHWE BARUHA CANE. NIBAHAGURUKIRIKIBAZ CABIGISHA NACO.@..)

  • emw numva ari sawa ariko igitey amakenga abaros nibo bitahweho natw agashomer katugez habi

  • Kugura moto vyari vyiza ariko icari gikwiye iyo bafata ayizo moto bakayongera k’umishahara yabo nkuko muzi ko bama bari mumarira adahera n’ibiganiro hagati yabo na leta ivyo baganiriye bigaherera mumajambo tutibagiye ko nimpapuro zama ziriko zirandikwa, ahubwo ubwo ni uburyo batoye bwo kunyonyeza amatungo ya Letra ejo bazovuga ko hariho amahera atangwa kuma moto yabayobozi yagenewe entretien kandi nuwagize commandee aho yakuyemwo etage yo muka jaga nayandi atangwa aho............

  • Aha abarimunabobazoshikirwaryari?konzi bakorababakure!!nabonibabahe bazigurire!

  • Nivyiza Kobabibutse Ngira Na Nyarucari Mwigisha Azoshikirwa.

  • NIVYIZA CANE,BIRIKO BIRACA BIRAZA IGISATA CINDERO BARATANGUYE KU CIYUMVIRAKO

  • Ivyo Ni Twebwe Abanyagihugu Batobato Tuzobiriha Mukutwaka Amakori Atuvuna No Mukuduza Ibiciro Nibabahe Mugabo Birame Mbone

  • Ni sawa cane mugb hari hakenew n’amamachine (ordinateur)n’imiburibur nka 2 par commune kugr rapport ziz ziratangw nez knd binyarutse.

  • Nivyiza Kuko Bahora Bitwazako Ataburyo Bwo Kwiyunguruza Ndizeyeko Atacitwazo Bazosubira Kugira.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.