IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abigisha ba Kaminuza batanze umuti w’ikibazo kiri muri Kaminuza za (...)

Abigisha ba Kaminuza batanze umuti w’ikibazo kiri muri Kaminuza za Reta

mardi 6 Rusama 2014

Abigisha bo muri kaminuza y’Uburundi basavye umushikiranganji w’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi kubandanya gutanga agafashanyo no ku banyeshure bahitiye mu kurindira inama rukokoma ikoranya abajejwe ikibazo c’indero izoba mu kwezi kwa Gitugutu. Abanyeshure nabo basabwe gutonda mu mashure guhera kuri uno wa kabiri.

Mu nama abigisha bo muri kaminuza y’Uburundi bagiranye n’umushikiranganji w’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi kuri uno wa mbere igenekerezo rya 5 Rusama, bavuga ko bashima utwigoro tw’umukuru w’igihugu mu ngingo zose amaze gufata mu ntumbero yo gutorera umuti ibibazo bijanye n’agafashanyo k’abanyeshure ba Kaminuza. Kubera iyo mpamvu, basaba abanyeshure kuzirikana utwigoro Reta imaze kugira, maze basubire ku mashure, nk’uko bishikirizwa na Paul Ngarambe yafashe icegeranyo c’iyo nama.

JPEG - 85.1 ko
Paul Ngarambe

Abigisha bo muri kaminuza y’Uburundi basavye kandi umushikiranganji w’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi kubandanya atanga agafashanyo no ku banyeshure bahitiye mu kurindira inama idasanzwe ijanye n’indero, izoba mu kwezi kwa Gitugutu uwu mwaka. Iyo nama niyo izotanga intumbero y’uko agafashanyo mu mashure ya kaminuza kotangwa. Abanyeshure nabo basabwe gutera intambwe baje mu mashure guhera kuri uno wa kabiri. Abo bigisha basaba kandi abarongozi kubandanya basigurira abanyeshure ivyerekeye iyo ngingo ya 24 ivuga ko umunyeshure ayobewe adasubira guhabwa agafashanyo.
Abo bigisha bo muri kaminuza y’Uburundi basaba inzego zibijejwe ko abanyeshure bazoba bitavye akamo boronswa agafashanyo kabo k’ukwezi kwa Rusama. Basaba abavyeyi hamwe n’abo bose bafise uruhara mu bijanye n’indero gufasha muvyo bashoboye vyose kugira abo banyeshure basubire kwiga.

Mwomenya ko abanyeshure bari bafashwe bahora bapfungiwe muri BSR hamwe n’umwe yari apfungiwe mw’igendereza, bose barekuwe ku mugoroba wo kuri uno wa mbere igenekerezo rya 5 Rusama.
Ku vyerekeye ingingo bagiye gufata, abanyeshure bemeye kugira ico bashikirije, mu masaha aza kuza bahejeje inama.


Floxella Karire

Messages

  • Imisi yose pays izokwama ifashwa nincabwenge nkizo twizere ko abanyeshure bagiye gusubira mwishure mwakoze cane mwabarezi mwe kandi mukaba nabavyeyi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.