IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abigisha ba Kaminuza y’Uburundi baragabisha ihagarikwa ry’akazi

Abigisha ba Kaminuza y’Uburundi baragabisha ihagarikwa ry’akazi

mardi 17 Kigarama 2013

Sendika y’abigisha bo muri Kaminuza y’Uburundi iragabisha, kuva ku munsi w’ejo kuwa mbere igenekerezo rya 16 Kigarama 2013, ko bashobora guhagarika akazi. Impamvu zitangwa n’iyo sendika kuri iryo hagarikwa ry’akazi, ni ukungene ubuyobozi bwa Kaminuza y’Uburundi buguma bwica amatwi ku bijanye n’akamo iyo sendika iguma itera k’akazi gatangwa ku bigisha ba kaminuza n’abunganirizi babo, kandi amategeko atubahirijwe.

Mu koraniro rya bose ryabaye ku genekerezo rya 11 Kigarama 2013, sendika y’abigisha ba Kaminuza y’Uburundi yaraneguye kubona ubuyobozi bwa Kaminuza y’Uburundi bwafashe minenerwe amakenga iyo sendika ifise y’abigisha n’abunganirizi babo bariko bahabwa akazi muri Kaminuza y’Uburundi, kandi batabifitiye ubushobozi. Nk’uko bimenyeshwa na sendika y’abigisha ba Kaminuza y’Uburundi, aho gufata nkama iyo myitwarariko, ubuyobozi bwa Kaminuza y’Uburundi, buri kumwe n’ubushikiranganji bubijejwe, babandanya gutanga akazi kuri abo bigisha n’ubunganirizi babo.

Muri iryo koraniro rya bose, sendika y’abigisha ba kaminuza y’Uburundi yafashwe ingingo yo kugabisha ko ishobora guhagarika akazi. Bumvikanye ko inyuma y’iminsi itandatu (kuva ku munsi w’ejo kuwa mbere igenekerezo rya 16 Kigarama 2013), abari bitavye iryo koraniro rya bose bazosubira guhura kugira bigire hamwe uko vyifashwe, baheze bafate ingingo zikwiriye bahabwa n’amategeko.


Egide Nduwimana

Messages

  • Mu bisanzwe,kaminuza,nihigishe ababikwiye,ntibarabe:ubwoko,intara,imigambwe,ahubwo harabwe ubumenyi.bibaye ngombwa nibavyiyamirize bivuye inyuma.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.