Accueil > Amakuru > Amashuri > Abigisha baracahagaze ku ngingo yo kudatanga amanota
Abigisha baracahagaze ku ngingo yo kudatanga amanota
lundi 23 Ntwarante 2015, par
Abigisha bahurikiye mu masendika STEB, CONAPES, SLEB na SYNAPEP bararahira bakarengwa ko batazotanga amanota y’igice ca kabiri, mu gihe Reta itobereka ikintu canditse, bakagiriranira amasezerano na Reta.
- Emmanuel Mashandari arongoye sendika CONAPES
Mu gihe kuri uno wa gatatu wa 18 Ntwarante ariho hatangura ibiganiro hagati ya Reta n’abigisha bahurikiye muri ayo masendika, nk’uko vyari vyashikirijwe n’umushikiranganji Annonciate Sendazirasa, mu gihe yabasaba kubangira iyo ngingo y’ukutazotanga amanota kuko ku bwiwe atariyo nyishu, Emmanuel Mashandari arongoye sendika CONAPES avuga ko atari rya mbere bagirana ibiganiro nk’ivyo na Reta ari naco gituma bagihagaze ku ngingo bari bafashe yo kudatanga amanota y’igice ca kabiri mpaka bagiranye na Reta amasezerano. Ku bwiwe, hari ibiganiro vyinshi bagiranye, hari ivyigwa vyakozwe ariko ivyo vyose vyabaye impfagusa, kuko atacavuyemwo.
Tubibutse ko abo bigisha basaba Reta gukosora ivyerekeye ubusumbasumbane bw’imishahara. Abo bigisha akaba ata kindi basaba atari uko imishahara yabo yoharurwa hakurikijwe amategeko, kuko bitumvikana ingene umushahara wanaka usumbana n’uwo bakorana canke uwukora mu kindi gisata, canke ntibatahure igituma umushahara munaka ku rupapuro rw’umutsindo nk’urwo nyene, itangana.
Floxella Karire