IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Aho impfizi zibiri zirwaniye ivyatsi nivyo bihasigara

Aho impfizi zibiri zirwaniye ivyatsi nivyo bihasigara

vendredi 28 Ruheshi 2013

Inyuma y’indwi zitatu abigisha bari bamaze muri yegeregere, ejo igenekerezo rya 26 Ruheshi 2013, barasubiye ku mirimo ukuri kwamye. Aho twashoboye guca ku mashure amwe amwe nko kuri Lycée Notre Dame ya Rohero, twasanze ivyirwa biriko biraba.

Uwujewe ivyirwa kuri Lycée Motre dame ya Rohero Niyungeko Tharcisse yatumenyesheje ko abigisha kuri iryo shuri batonze ndetse n’abanyeshure bamwe bamwe batonze. Icaboneka rero ni uko abanyeshure bari bahari bariko bararaba ikirangamisi c’ibibazo. Bamwe mu bo twaganiriye baridoga cane kubera basanze ico kirangamisi kitaborohereza na gato. bavuga ko atariko vyahora bikorwa kuko basanze ata minsi basimba bazokora iminsi yose ivyo navyo bikazotuma bayoberwa kandi batoyobewe.

Ku bijanye n’abanyeshure bo mu mwaka wa nyuma w’amashure y’isumbuye, bamenyesha ko ivyabo aragahomera munwa kubera bazokora ibibazo gushika igenekerezo rya 9 Mukakaro, bace bakora ikibazo ca Leta igenekerezo rya 15 Mukakaro uyu mwaka nyene. Ariko rero abo vyega batiyobagije barazi neza ko umunyeshure amenya iyo yiteguye bikwiye ari naco gituma basaba ubushikiranganji guhindura ico kirangamisi bacigize inyuma kugira bashobore kwitegura aho kuba incungu z’amatati ari hagati ya Leta n’abigisha.

Uwundi kandi yagize ico avuga kuri ico kirangamisi ni uwuje ivyirwa kw’ishure ryisumbuye rya Notre dame ryo muri Rohero, avuga ko vyari bikwiye ko Ubushikiranganji bwigiza inyuma ico kirangamisi kubera ko bafatiye akarorero nko kuri Lycée Notre Dame ya Rohero ibibazo bizohera kw’igenekerezo rya 9 Ruheshi 2013, nta minsi ishika itanu bafise yo gutegura ico kibazo ari naco gituma basaba ko co kwigizwa inyuma kugira abanyeshure ntibarwe mu mporero.

Ubu rero abo banyeshure ntibabona uko bigiye kugenda bagasaba Leta ko itokwama yica amatwi mu gihe ibona ko ingaruka mbi zigaruka kuri bo.


Prosper Ndayikeza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.