IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > AJNA : "Uwarungitse Petero Karaveri Mbonimpa mu Mpimba yarakoreshejwe"

AJNA : "Uwarungitse Petero Karaveri Mbonimpa mu Mpimba yarakoreshejwe"

lundi 26 Rusama 2014

Ishirahamwe AJNA (Association des Jeunes pour la Non-violence Active) riratangazwa n’ingingo yafashwe yo gupfunga Petero karaveri Mbonimpa, umukuru wa APRODH, kandi atigeze yanka kwitaba ubutungane, n’ivyo yagirizwa bikaba bitaratohozwa. Mw’ishirahamwe AJNA babona ko uwarungitse Petero Karaveri Mbonimpa mu Mpimba yakoreshejwe.

Mu rwandiko basohoye, mw’ishirahamwe AJNA (Association des Jeunes pour la Non-violence Active) bamenyesha ko ataho vyabonetse aho umucamanza ategeka gupfunga umuntu atarigera yanka kwitaba ubutungane, aho akibutsa ko Petero Karaveri Mbonimpa yapfunzwe yari amaze kwitaba ubutungane gatatu kose, akaba kandi yafashwe kuwa gatanu yari afise umutahe wo kwitaba kuwa mbere. Muri iryo shirahamwe batangazwa n’iyo ngingo yo kumurungika mw’ibuye yafashwe n’icariho c’umushikirizamanza mu gisagara ca Bujumbura, Salvator Ndayiziga batazira "Nyamizi", kandi Petero Karaveri Mbonimpa atigeze ahunga igihugu. Nk’uko tubikura mu rwandiko rwateweko umukono na Yohani Nduwimana, umukuru w’ishirahamwe AJNA, uwafashe ingingo yo gupfunga Petero Karaveri Mbonimpa yakoreye ku mategeko yahawe, bikaboneka ko kwoba ari ugutera ubwoba abaharanira agateka ka zina muntu.

Muri iryo shirahamwe basaba ko hokorwa amatohoza, abarundi n’amakungu bamenye ukuri ku vyashikirijwe n’umukuru wa APRODH ko hari urwaruka rujanwa muri Congo mu myimenyerezo ya gisirikare. Mu kurindira ibizova muri ayo matohoza, mw’ishirahamwe AJNA basaba ko ubutungane bw’Uburundi bwoba burarekura Petero Karaveri Mbonimpa, aburane yidegemvya.


Egide Nduwimana

Messages

  • Ayo ma association naze aravuga ivyo azi batabizi naho bagahora bagakora ivyo bajejwe!! None ntivyagaragaye neza ko yatweretse amafoto ya M23 bigenze kwerekana mu kinyamakuru none ayandi matohoza asumba ayo akenewe ni ayahe? Ico conyene kirakwiye kugira apfungwe!!

  • Ayo ma association naze aravuga ivyo azi batabizi naho bagahora bagakora ivyo bajejwe!! None ntivyagaragaye neza ko yatweretse amafoto ya M23 bigenze kwerekana mu kinyamakuru none ayandi matohoza asumba ayo akenewe ni ayahe? Ico conyene kirakwiye kugira apfungwe!!

  • Ngirango bibwirako leta izoca igira ubwoba ikamupfungura. Naye ukuri kwokwo barakuzi birengagiza ku vyo bazi. Amategeko nakurikizwe numurundi nkabandi kandi ntari hejuru y’amategeko. Icaha bagihakana canke bacemera hariho abize amategeko udatamika ijambo.

  • @ Philbert. Mwiharaje kuvuga ayo mwishakiye basha. Uwutavuze ko ari ay’ihonyabwoko ryabaye mu Rwanda avuga ko ari ay’aba M23. Wewe ni igiki cakwemeje ko ari M23 ko mbona iyo foto wishishitirira ivugwako vyinshi? Ubuhinga waoresheje kugira ngo wemeze ko ari M23 ni ubuhe? Ukuri naho kurwanywa gute kurateba kukaja ahabona. Kandi niba woba uzi no guharuraiyo umunyeshure aronse amanita atatu kuri ane aba afise 75%. Ndibaza ko ata kuri gusumba ukwo.

  • WARAGUZWE MUTAMA ABARIKO BAKOMINDURU NGOBAKUREKURE NIBO BASHIZEMWO AKARIRO NGUBABISE!!!!!!!! SOMA KURI SITE YA CIRAMUNDA RICHARD URABE UWOMUGAMBI ICO WARUGAMIJE. IMVI UFISE ZIGUFUYEKO UBUSA AHO WEMERA GUKORESHWA NINYANKA BAHUTU. POLE NIWIGUMYE

  • @Kuruwo Yohani Nduwimana wa AJNA, teshwamute intumbero zamashirahamwe amwamwe twamaze kuzimenya ahubwo ubutwiyemeje nguhangana namwe vyasebikunze, twebwe abenegihugu ntishobora kwemera utwoturwiturwi twabantu bahisemwo kudandaza igihugu cacu kugira baronke irariro ngotugume tunumye, ndababwiye ntakubihanganira nabusa. Ubumbere twebwe benegihugu tugiye kuzaturashigikira amashirahamwe atusanira ibintuvyamajambere, nkuburimyi burimwo ubuhinga bushasha, kworora, kubika ibifungurwa igihekinini, imyuga, kutwigisha indimi, nibindi biboneka kwaringirakamaro. Nayomwenabo bagenda bakicara mucumbakimwe cinzu bakigirinama ngo kugiraturoke ukotubaho ngoreka dushinge ishirahamwe rivugira abarundi ngokandi abarundi turazinanye bazodushigikira mazetwironkere icoturya. Twebwe abarundi turase kuko dusanze amwe murayomashirahamwe ariko arakuraho nakariho, nimureke imigambwe yoyoyerura ikabwira abarundi namakungu kwaharanira gutegeka.

  • jewe nfise ikibazo mbonimpa numuhutu canke numututsi?ikindi igihe bica ndadaye ntiyari bwakure?urworutama ruradusaziye nabi PE! mbega kuri Buyoya kwatavuga.nibamufunge nkimyaka cumi kuko numurundi nkabandi
    .

  • Sha abatutsi bafise Imana kuba ntabaye President,ico nobasaba nibadukureko induru dutware natwe kuko imyaka batwaye simike batubwirango ngwinkoho irasira habiri?nayo icogitama Mbonimpa ahubwo nibagifunge uwo guherayo kuko ashaka guhungabanyaumutekano wabanyagihugu.Nayo utwo tu association twabatutsi nibadufute kuko natwe kuntwaro yabo nta catuvugira wangu

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.