IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Akajagari kagabanutse kw’ishure ry’imyuga ETS Kamenge

Akajagari kagabanutse kw’ishure ry’imyuga ETS Kamenge

lundi 10 Ruhuhuma 2014

Inyuma y’indwi yose abanyeshure bo kw’ishure ry’imyuga ETS barungitswe muhira iwabo mu kurundira ko akajagari kari kamaze iminsi kuri iryo shuri gatorerwa umuti, kuri uno munsi wa mbere igenekerezo rya 10 Ruhuhuma basubiye mu mashure, ivyigwa biriko biratangwa ukuri kwamye.

Iminsi indwi yose bari mu mihana iwabo birukanywe, ku munsi w’ejo k’uw’Imana abanyeshure biga kw’ishure ETS Kamenge, baherekejwe n’abavyeyi babo barasubiye ku mashure. Intumwa yari yavuye mu bushikiranganji bw’amashure mato mato n’ayisumbuye ikaba yafashe ingingo yo kwirukana abanyeshure batatu ariwe Jean claude Nkeshimana batazira komiseri bivugwa ko ari imbonerakure yo mu mugambwe CNDD-FDD yica agakiza kuri iryo shure, uwundi yirukanywe ni umunyeshure Mariko Ndereyimana avuga ko yaheruka guhabwa ishano kuri iryo shure bamuhora ko ari umunywanyi wa MSD, hamwe n’uwundi munyeshure azwi kw’izina rya Ferdinand Manirerekana.

Amakuru dukura kuri ETS Kamenge akavuga ko mu kanama kaciye gakwirikira hagati y’abavyeyi n’intumwa y’ubushikiranganji bw’amashure mato mato n’ayisumbuye, abavyeyi boba baranse kwemera iyo ngingo, kuko ku bwabo, mu gihe umurwi washizweho kugira wige ico kibazo, igihe icegeranyo c’amatohoza kitaraboneka iyo ngingo yo kwirukana abo banyeshure yoba irabangira.

Tubamenyeshe ko inyuma y’ibogozwa ry’umuyobozi w’ishure ETS n’umuyobozi w’ubuhinga, abo bategetsi bompi bamaze gusubirizwa, ubu ababasubiriye bakaba bariko barakora ukuri kwamye. Abanyeshure nabo nyene bari mu mashure bariko bariga ukuri kwamye.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.