IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Amafaranga yabo y’agaciro agiye kubikwa mw’ibanki nkuru y’igihugu

Amafaranga yabo y’agaciro agiye kubikwa mw’ibanki nkuru y’igihugu

mercredi 24 Ruhuhuma 2016, par egide

Jean CIZA arongoye banki nkuru y’igihugu, mu kiganiro yagiranye kuri uwu wa kabiri n’abari mu bisata vyegukira ishirahamwe mpuzamakungu ONU hamwe n’abari mu yandi mashirahamwe mpuzamakungu akorera mu Burundi, yabasiguriye ingingo nshasha iheruka gufatwa na Reta y’Uburundi mu bijanye n’amafaranga y’agaciro akoreshwa n’ayo mashirahamwe.

Iyo ngingo iheruka gufatwa ivuga ko amafaranga yose y’agaciro y’abafasha Uburundi, yaba ayahabwa abakorera mu Burundi canke amashirahamwe adaharanira inyungu za poritike hamwe n’ayandi mashirahamwe mpuzamakungu akorera mu Burundi, yose ategerezwa guca mu bubiko bwa banki nkuru y’igihugu, akaba ariho amakonte yayo mafaranga ategerezwa kuba ari.

JPEG - 94 ko
Jean CIZA arongoye banki nkuru y’igihugu

Nk’uko vyashikirijwe na Jean CIZA umuyobozi wa banki nkuru y’igihugu, iryo tegeko riraba ahanini amashirahamwe akoresha uburyo bwitwa ko buba bwaje gufasha igihugu, ni ukuvuga amashirahamwe adaharanira inyungu za poritike hamwe n’amashirahamwe mpuzamakungu afasha mu gihugu hagati, ariko akoresha amafaranga ahabwa n’abasanzwe bafasha Uburundi.

Abandi barabwa n’iryo tegeko ni abari mu migambi ya Reta irangurwa n’ibindi bisata vy’ibanki y’isi yose canke banki ya Afrika ijejwe iterambere, ariko amafaranga akoreshwa akaba ari amafaranga aba aje gufasha igihugu c’Uburundi.

« Inyuma y’igenekerezo rya 31 Ntwarante 2016, amakonte yose y’abo bavuzwe, asanzwe ari muma banki y’ubudandaji azoca yugarwa hasigare hakora amakonte bazoba buguruje muri banki nkuru y’igihugu.», umuyobozi wa banki nkuru y’igihugu akamenyesha ko iyo ngingo iraba amakonte ariko amafaranga y’agaciro gusa.

Mwomenya ko abakozi b’ayo mashirahamwe bahora bahembwa ayo mafaranga y’agaciro bazoca bahindurirwa amasezerano kugira iryo tegeko rishobore gushirwa mu ngiro.


IGIHE

Messages

  • ahomubahindira,mubankinkuruyigihugu. ntimushakakubanyaga!,idorare,rivunjwahanzemubavunjayi.rirazimvye,mushakuzamurabaharumwerumwe.vyerakanakubutunzibwagiye ivyobivakubibazovyaporitike.ntimubaboheramabok’imugongo

  • nuburyobushashabwokubabikira,nokuziganya,koniribaryayazana,rigezahumukunzinsashakanadyoni (OBERI)

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.