IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Imiriyaridi 1534,3 niyo Reta itegekanya gukoresha mu mwaka w’2015

Imiriyaridi 1534,3 niyo Reta itegekanya gukoresha mu mwaka w’2015

mercredi 19 Munyonyo 2014

Amafranga y’amarundi agera ku miriyaridi 1534,3 ,niyo Reta itegekanya kuzokoresha mu mwaka uza w’ 2015, ivyo bikaba vyavuye mu nama nshikiranganji yabaye ku magenekerezo ya 12 na 13 Munyonyo uno mwaka, mu gihe baharira bongera batora integuro y’amafaranga Reta izokoresha mu mwaka uza.

Reta y’Uburundi isigura ko ayo mafaranga yiyongereyeko bivanye n’uko muri uwo mwaka hazoba hariko hategurwa amatora, ayandi nayo akazoshigikira ibisata bitandukanye bisanzwe vyinjiza uburyo mu kigega ca Reta.

Mw’itangazo yasohoye, Reta y’Uburundi imenyesha ko izokoresha yose hamwe amafaranga agera ku miriyaridi 1534,3 w’amafranga y’amarundi, harimwo n’imfashanyo. Ariko rero bamenyesha ko ayo mafaranga atazokwira kuko kuvyo bategekanya kuyakoresha haburako amafaranga agera ku miriyaridi 114,7 z’amarundi. Ivyo rero bikazotuma basaba ideni yaba mu mahanga canke mu Burundi, kugira bikunde Reta ishobore gufurira ico kinogo.

Reta y’Uburundi ikamenyesha ko izobandanya poritike yo gutubika umukanda. Poritike y’amafaranga izokorwa gukurikirana na cane cane impinduka zimwe zimwe, Reta yiyemeje gukora mu kugira ishobore kuronka uburyo, yongere iyakoreshe na cane cane mu bisata vyinjiza amafaranga. Ni muri iyo ntumbero ikigo gitoza amatagisi OBR ,kizonagerageza uko gishoboye kwose mu kurondera aho amatagisi ava na cane cane mu kurwanya urudandazwa rwa magendu, gukomeza poritike yo kwegeranya ibirarane hamwe no gushobora kuza barakurikirana neza ivyerekeye uturusho.

Tubamenyeshe ko itegeko rigenga amafaranga Reta ikoresha ritegerezwa guca mu nama nshingamateka, hanyuma ryongere rice mu nama nkenguzamateka, mu nyuma rikabonwa kwemezwa n’umukuru w’igihugu.


Floxella Karire

Messages

  • Yayaya jewe ndiko ndaraba ingene inda mwazaguye ntazobakwira kuko murafugura pe??muri nakayabagu??nibazako ama avocat mwahejeje kuyatera?? Ntawundi mugabi ??ubu ni ukubipfuriza akayabagu keza ncuti bibashokeneza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.