IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Amajambo 21 adasanzwe yavuzwe na Nelson Mandela

Amajambo 21 adasanzwe yavuzwe na Nelson Mandela

vendredi 6 Kigarama 2013

Uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Afrika y’Epfo yashengeye afise imyaka 95 y’amavuka, yari intwari ikomeye muri Afrika ndetse no kw’isi yose, eka ndetse akaba yararonkejwe n’agashimwe kitiriwe amahoro ”Prix Nobel de la Paix”.

Akiri mu zima, hakaba hari amajambo makuru makuru yagiye avuga yabaye ntibagiranwa muri kahise, eka n’ubu ayo majambo akaba agifise agaciro. Ni amajambo 21, nayo akaba ari aya:

1.’’N’ubu ntituridegemvya, twaronse umwidegemvyo wodufasha kurondera kwidegemvya’’.

2.’’Kwiga ni ikirwanisho cofasha guhindura isi’’.

3.’’Sinoba nidegemvya mu gihe nobuza abandi kwidegemvya. Abakora amabi barataye ubuntu bw’abantu’’.

4.’’Kwidegemvya, si ukwikura ingoyi z’abakoroni gusa, ni kwubaha no kwubahiriza umwidegemvyo w’abandi’’.

5.’’Ndazi ko gukerebuka atari kuba umunyabwoba, ahubwo ni inzira y’intsinzi’’.

6.’’Amahera siyo atanga ubuhizi, ni umwidegemvyo wo kuyarondera utanga ubuhizi’’.

7.Ntimunshimire itsinzi, muranshima aho nagiye ntirigana nkarwa hasi, ariko nkivyukiranya.

8.’’Mu kurondera ubumwe ku mwansi wawe, rondera gukorana nawe, azoheza ahinduke abe uwo musangiye imirimo’’.

9.’’Umuntu abuza umwidegemvyo uwundi, ni imbohe y’inzigo, y’ubugunge, n’ukuziza abandi ubusa’’.

10.’’Ntimwibagire ko aberanda ari abanyavyaha babivuyemwo’’.

11.’’Umwidegemvyo wiganze, kuko umuco uzokwama wakira ibikorwa vyiza vy’abantu’’.

12. ’’Nta muntu aziga kuronka itsinzi yikoranye’’.

13.’’Tuzokorera hamwe kugira dushigikirane, turwanye ubwoba, dutere intege ibiganiro ahari indyane, dutange icizere kubo caheze’’.

14.’’Niyo twaba imboneza, tuzoba duciriye inzira abandi maze havuke izindi mboneza’’.

15.’’Sindi Mesiya, ariko ndi umuntu asanzwe, yavuyemwo indongozi kubera amakuba ahambaye naciyemwo’’.

16.’’Iciyumviro canje gikuru n’uko abantu boronka umwidegemvyo, bakaba mu ntwaro rusangi, aho bose bangana bakagira amahirwe amwe. Ndizeye ko nzobishikako, bibaye ngombwa, notanga ubuzima bwanje abandi bagakira’’.

17.’’Ni vyiza kwongera gukora iciza ciyongera ku vyakozwe bitahindutse’’.

18.’’Poritike irashigikirwa n’amajambo meza aryohera amatwi nk’indirimbo, ariko ayo majambo afise inguvu zohindura poritike’’.

19.’’Menya umugenzi wawe, umenye n’umukino akunda’’.

20.’’Dukoreshe ivyo dufise vyacu, kuko ivyo twaronse duhawe, bidutandukanya n’abandi’’.

21.’’Nta muntu avukana inzigo n’urwanko rw’abandi, akabanka kubera ubwoko, kubera kahise kiwe canke ukwemera kwiwe, urwanko rurigishwa. Namba abantu biga kwankana, nibige no gukundana, kuko urukundo ni kamere k’umutima w’umuntu, ndetse uwo yita umwansi wiwe bahuye bakuze’’.

Muri ayo majambo yagiye arashikiriza, akaba ari amajambo akomeye cane, arimwo impanuro, ndetse muriyo akaba yofasha n’abarundi, muri iyi minsi bari mu ngorane zo kudahuza ku vyokorwa muri bimwe bimwe nk’ibiraba amategeko yemezwa mu nama nshingamateka, eka n’ayandi usanga ariko aratera impari mu banyeporitike.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.