IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Amakaminuza asigaye ashobora guhamvya ayandi ari muri yegeregere

Amakaminuza asigaye ashobora guhamvya ayandi ari muri yegeregere

lundi 6 Gitugutu 2014

Abanyeshure bo kuri Kaminuza ISD (Institut Supérieur de Développement) baragabisha ko bashobora guhagarika ivyigwa mu minsi itatu iri mbere, mu gihe nabo ivyo basaba bitoba vyatorewe inyishu.

Nta gahengwe mu mashure ya kaminuza mu Burundi, inyuma ya yegereyegere mu makaminuza ya Reta n’ayigenga yatanguye ku munsi wa gatanu igenekerezo 3 Gitugutu. Abanyeshure bo muri kaminuza ISD nabo baragabisha ko bashobora guhagarika ivyigwa, nk’uko biri mw’itangazo barungikiye umushikiranganji w’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi.

Abo banyeshure co kimwe na bagenzi babo bo mu zindi kaminuza basanzwe barahagaritse ivyirwa, basaba ubwo bushikiranganji ko bwobamenyesha agaciro k’imyabushobozi bazoronka mu ndinganizo nshasha BMD (Bacalaureat - Master - Doctorat). Ikindi basaba ni kumenya ingene bazokwinjira mu gice kindi c’amashure bita "Master" bavuye mu ca kabiri "Baccalauréat", bakibaza namba bazobandanirizako canke ko bazobanza guhagarika. Iyo ngingo rero yo guhagarika ivyigwa tubibutse ko bayifashe haraye habaye inama yahuza abo banyeshure n’ubushikiranganji bw’amashure ya kaminuza, hamwe n’abasanzwe begwa n’ico kibazo. Bukeye bwaho niho abo banyeshure bafata ingingo yo guhagarika ivyigwa, kuko ibibazo bari bafise bitatorewe inyishu muri iyo nama yari yabahuje n’umushikiranganji w’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi.

Tubamenyeshe ko bose hamwe abari muri yegereyegere biga mu ndinganizo nshasha BMD (Baccalauréat – Master – Doctorat), bose akaba ari abanyeshure bo muri kaminuza y’Uburundi, kaminuza Nderabigisha ENS, Kaminuza y’umuco (Lumiere), Kaminuza yitiriwe ikiyaga Tanganyika, kaminuza yitiriwe ibiyaga bigari hamwe na kaminuza yitiriwe Martin Luther King.


Floxella Karire

Messages

  • Muba muhaze ntawabarenganya. Kubona mwirirwa muri yegereyegere kweri???? ko ntawagize yegereyegere igihe isoko nkuru yasha, igihe bafunga abantu bazira ubusa, igihe Eduard Nduwimana asambura imigambwe nkuwusambura inzu yiyubakiye???? mwebwe nubundi ntimuri abanyeshuli bazokiza uburundi. Mutinze kwinjira mu kazi ngo namwe musahure u Burundi busigare bukanuye gusa. Kwendeni mbali

  • @Karikurubu we nta soni?? Ivyo bintu uriko uvuga wumva bijanye n’ivyo abo banyeshure basaba?
    N’uko utari mu kibanza cabo, wibaza ko kugenda utazi iyo uriko uraja ari ibintu bisanzwe? iyaba wari uzi ko muri iyo systeme nshasha Licence ari nka tronc commun! Tugize parallelisme, ni nk’umuntu aba ahejeje 10è muri Secondaire. Birakenew ko kuja muri Master biba Garantie pour tout détenteur wa Baccalauréat(licence si vous voulez)!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.