IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Amasendika ane y’abigisha yahagaritse akazi

Amasendika ane y’abigisha yahagaritse akazi

lundi 27 Nzero 2014

Amasendika ane y’abigisha yahagaritse akazi mu kiringo c’iminsi itatu kuva kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 27 Nzero gushika kurya 29. Ayo masendika, nk’uko yari yarabimenyesheje, bibutsa ko bashatse kugondoza Reta kugira ishire mu ngiro ivyo yari yariyemeje bijanye n’ugukuraho ubusumbasumbane bw’imisharahara buri mu bigisha bo mu Burundi.

Sendika zine z’abigisha (Conseil National du Personnel de l’Enseignement Secondaire : CONAPES, Syndicat des Travailleurs de l’Enseignement du Burundi : STEB, Syndicat Libre des Enseignants du Burundi : SLEB, Syndicat National du Personnel de l’Enseignement Primaire : SYNAPEP) zaremeje ko zihagarika akazi kuri uno wa mbere nk’uko bari bavyumvikanye. Ku mashure amwe amwe ikinyamakuru IGIHE cagendeye, akamo ko guhagarika imirimo kitabwe ukuri kwamye.
Nko kw’ishure ritoya ryo mu Kabondo, vyagaragara ko atakiriko kiraharangurirwa, amasomero yaragaragara nka yose, abanyeshure bari batashe kuko babuze uwubigisha. Abo mu mwaka wa gatandatu nibo bonyene bariko barakora imyimenyerezo mike mike bari kumwe n’umwigisha umwe.

Kuri iryo shure nyene, abo mu mwaka w’indwi w’ishure nshingiro, bo babandanije ivyirwa vyabo ukuri kwamye, mbere n’abagisha bakaba bariko baratanga ivyirwa.
Kw’ishure ritoya naryo rya Stella Matutina, naho nyene akamo kitabwe, kiretse abanyeshure bo mu mwaka wa gatangatu hamwe n’umwaka w’indwi w’ishure nshingiro babandanije ivyirwa vyabo.

Mwokwibuka ko ku munsi wa gatanu igenekerezo rya 24 Nzero, abigisha bo muri ayo masendika bari bitavye imirimo yabo bambaye impuzu zirabura, kugira bibuke igenekerezo rya 24, aho bamenyesha ko bateye umukono ku masezerano y’ugukuraho ubusumbasumbane bw’imishahara, amasezerano Reta itigeze ishaka gushira mu ngiro nk’uko abaserukira abo bigisha babivuga.
Mu ngingo rero ayo masendika yafashe kugira agondoze Reta, n’uko bazokwama bahagarika akazi iminsi itatu mu kwezi (ari navyo batanguye kuri uwu wa mbere), bongere bambare umwambaro wirabura ku genekerezo rya 24 uko ukwezi gutashe, kugira bibuke umunsi bahendana na Reta, mu gutera umukono ku masezerano atigeze ashirwa mu ngiro.


Egide Nduwimana

Messages

  • Jewe abigisha sindabumvanone muretse kwigisha iyo minsi 3 bisigura iki?ni muhagarike basi umwaka wose kugira babone ko mubabaye!si non aho ntaco muriko murakora peee!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.