Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB Amashuri
Amasendika ane y’abigisha azotangura yegereyegere ku munsi wa mbere
Yanditswe taliki ya 21-01-2014 - isaha 15:29'

Amasendika ane ahurikiyemwo abigisha ariyo CONAPES, SLEB, SYNAPEP na STEB aragabisha Reta ko bazotangura yegereyegere y’iminsi itatu, guhera ku munsi wa mbere wa 27 Nzero gushika kuwa 29 Nzero 2014.

Mw’ikete bandikiye umushikiranganji w’abakozi ba Reta, Annonciate Sendazirasa hamwe n’umushikiranganji w’amashure mato mato n’ayisumbuye, imyuga hamwe no kwigisha abakuze gusoma n’ukwandika, Rose Gahiru, abo barongoye ayo ma sendika bamenyesha ko bagiye gutangura yegereyegere y’iminsi itatu guhera ku genekerezo rya 27 Nzero 2014 gushika kurya 29 Nzero 2014. Iyo yegereyegere bakazoba bayikoze mu ntumbero yo gushira mu ngiro ingingo bari bafashe mu kiganiro bahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru ku genekerezo rya 14 Nzero 2014, ko bazohora bahagarika akazi iminsi itatu ukwo ukwezi gutashe, kugira basabe ishirwa mu ngiro ry’umugambi wo kunganisha imishahara nk’uko basanzwe bari bavyemeranije na Reta, ariko umushikiranganji Annonciate sendazirasa we akaba yagirije ayo masendika ko ahubwo aribo boba baratumye uwo mugambi udatangura mu mwaka w’2013.

Muri ayo masendika uko ari ane bakavuga ko ku munsi wa mbere inkoko ariyo ngoma bazotangura gushira mu ngiro ivyo biyemeje, ariko bakavuga ko mu gihe Reta yoshaka kwugurura ibiganiro nabo kugira batorere inyishu ico kibazo, bazokwitaba.

Ivyiyumviro vyanyu

TWOKWIHANGANA

7.05.2017 à 13:42
MOSE

abashoboye akazi nibenshe kandi babasumvya ubumenyi baradindiriwe

5.05.2017 à 19:49
######

68755676

3.05.2017 à 08:18
Niyibaruta

Kuberiki Igitorokibukandikumastjtionskikaboneka Kaodibujumburakikabonekanikuberiki

3.05.2017 à 08:15
Sadicke

Abantubenshintibanezegwagukorera Amafarangamakebivanyenubukenebafisebwokwiyagurabagashakakuryayobadafise Arikonibihanganekukibintuvyarahindutse Ubutugezezahoturira Umjwasagatwenga.Murakoze

3.05.2017 à 08:02
Sadike

Amakuru.Ashushe.com

3.05.2017 à 05:26
kome

ABOBA NYAMASENDIKA NIBABANYE IMIRIMO AHASIGAYE BOJA HAMWE BAKAGIRA IBIGANIRO.

2.05.2017 à 23:25
BOSCO SINDAYIGAYA

None Bagaye Umushahara Kandi Harabashomeri Bicaye beshi Banipfuza Uwomushahara Nibagate ABandi Bazokitorera

28.04.2017 à 20:17
Murekensabe Ediy

Bite Basore Nararyohewe Nuvise Fcb Ibikoze !

24.04.2017 à 19:57
Munezero Egide

Nibumvikane

23.04.2017 à 00:03
Sibomana

Icombona Nuko Natwe Twicaye Atakazi Dufise "nibitonde.

22.04.2017 à 23:39
Sibomana

Jewe ico mbona nuko uwuhagaritse akazi yocataha kuko yarahimvye akazi.harabagakeneye.

13.04.2017 à 06:12
Ndayisenga

Tanga Inkuru Zi Gezweho Zo 2017

12.04.2017 à 20:20
Minani Dionisf

Tanga Inkuru Zi Gezweho Zo 2017

12.04.2017 à 20:19
Minani Dionisf

BARASARA NIBAGIRE IMIGUMUKO TWEHO BANYARUCARI NTITURAHO INZARA IGIRA ITWICE BO NGO NI EGEREGERE

9.04.2017 à 18:23
JAEN

nibashiremwinguv

3.04.2017 à 21:21
NIYOMUKIZA CLOVIS

Jewe Nobasaba Bareke Gutera Yegereyegr Kuko Akaryashe Kari Muri Reta Y’uburundi.Kandi Uwushaka Umubira Abira Akuya.

30.03.2017 à 14:11
Manirakiza Dieudonné

Baribakwiye Kubamariramugasho !Abandi Barabuze Akazi Namwengomuhagarike?

27.03.2017 à 21:01
Nzoyisaba Francois

abobigisha baterera yegereyegere nukubapfunga

19.03.2017 à 22:03
RWASA ABRAHAM

JEWE ICONOBAFASHA NUKO MWOKWIHANGANA MUKARINDIRA NAKARA GEREVE SIWOMUTI WIBIBAZO VYAMYA

18.03.2017 à 20:08
Uwimana J Amari
1 | 2 | 3

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.