IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Amasendika y’abigisha yagiriza Reta kudindiza umugambi wo kunganisha (...)

Amasendika y’abigisha yagiriza Reta kudindiza umugambi wo kunganisha imishahara

lundi 15 Nyakanga 2014

Ingingo yafashwe na Reta yo kuzana abahinga bandi mpuzamakungu basubira kwiga ingene ubusumbasumbane bw’imishahara bwokosorwa bisa no kwinyegezanya n’abanyamasendika, kugira Reta ntishire mu ngiro ivyo yari yiyemeje nk’uko bishikirizwa na Emmanuel Mashandari arongoye sendika CONAPES.

Umwaka w’ishure wundi uratanguye abigisha bagifise ya myidogo nyene, na cane cane yerekeye ca kibazo c’ubusumbasumbane bw’imishahara. Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru IGIHE kuri uno wa mbere igenekerezo rya 15 Nyakanga, Emmanuel Mashandari arongoye sendika CONAPES (Conseil National du Personnel des Enseignatns du Secondaire) yagiriza Reta ko ivyo iriko igira ata kindi bigamije atari kudindiza umugambi wo kunganisha imishahara, aho ni mu gihe iherutse kuzana abandi bahinga mpuzamakungu baza kwiga ikosorwa ry’ubwo busumbasumbane.

JPEG - 57.8 ko
Emmanuel Mashandari umukuru wa sendika CONAPES

Kubwa Emmanuel Mashandari, hari ibimenyetso vyinshi bigaragaza ko Reta ata gushaka ifise kugira iteze imbere uwo mugambi. Insiguro ya mbere atanga n’uko hari uwundi muhinga mpuzamakungu yari yakoze icigwa, inyuma y’aho barashoboye gushika ku cegeranyo bise "Scénario consensuel à présenter au gouvernement pour analyse et pour adoption", ndetse cari cateweko igikumu n’impande zose kuwa 24 Rusama 2014, ariko ubushikiranganji bw’abakozi ba Reta bukaba butigeze bwemera kugishikiriza mu nama nshikiranganji, Reta ahubwo yashimye kuzana abandi bahinga. Kubona kandi Reta iriko itegura amafaranga izokoresha mu mwaka w’2015 mu gihe ata cegeranyo kirasohoka, n’uko no mu mwaka uza ivyerekeye gukosora ubwo busumbasumbane bitazoshoboka.

Emmanuel Mashandari umukuru wa sendika CONAPES asaba Reta gushira mu ngiro ivyo yiyemeje, aho kwama ikoresha imvugo itajana n’ingiro.


Floxella Karire

Messages

  • ivyokunganisha imishahara biragoye kandi ntivyokunda abantu batari mubisata bimw henshi usanga namasaha yakazi atandukanye.

  • Intereranoyanje Niyi N’uko Reta Yokura Icokibazo Munzira,kubera Kidaheze Nkatwebwe Abanyeshu Biducako Bikadusigako Imvune.Reta Nibishirimbere Nkuko Ishirimbere Kwitegurira Igihe C’amatora,vyodushimisha Cane Kandi N’abandi Vyobanezera.Murakoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.