IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Amasezerano yateweko umukono mu biro vy’umuhuza w’abarundi

Amasezerano yateweko umukono mu biro vy’umuhuza w’abarundi

mardi 23 Ndamukiza 2013

Ishure ritegura iryigisha ikorowani (école pres-coranique) mu ntara ya Kirundo, ryuguruwe uno munsi ivyimfatakibanza. Hateweko igikumu ku masezerano agiranwe na Buramatari w’intara ya Kirundo n’uwuserukira iryo shure muri iyo ntara.

Iryo shure rikaba ryari ryahagaritswe n’ubushikiranganji bujejwe amashure y’intango n’ayisumbuye, inyigisho y’imyuga no kwigisha gusoma no kwandika abakuze, kubera hari utunenge tumwe tumwe basanze iryo shure rifise. Rikaba ryari ryahora ryigako abana batobato bavuye mu mihingo itandukanye y’iyo ntara, no mu zindi ntara bihana imbibe.

JPEG - 35.8 ko

Kubw’imvo z’umutekano, baciye bafata ingingo yo kuryugara ivyagategakanyo.
N’ubwo iryo shure ryari ryugawe, n’ubushikiranganji bubijejwe, umuntu yoca yibaza ko hoba haciye haduka icuka kibi hagati y’ubuyobozi bw’iryo shure n’ubushikiranganji bw’amashure y’intango n’ayisumbuye. Oya namba! Ahubwo izo mpande zose uko ari zibiri zaciye zija mu mwumvikano kugira batorere hamwe inyishu y’ico kibazo kiraje inshinga izo mpande zompi.

Kuri uno musi, igenekerezo rya 23 Ndamukiza 2013, mu biro vy’umuhuza w’abarundi, aho hari hakoraniye n’abari baje gushigikira ayo maserano, aho twovuga nk’uwuserukira iryo shure, abari mu muryango waba islam n’abandi, niho haterwa igikumu ku masezerano, ayo nayo akaba yashizweko igikumu imbere ya Honorable Mohamed Rukara, umuhuza w’abarundi na Muganga Rose Gahiro, umushikiranganji w’amashure y’intango n’ayisumbuye, inyigisho y’imyuga no kwigisha gusoma no kwandika abakuze.

JPEG - 33.8 ko

Muri ayo masererano yateweko igikumu uno munsi, hafashwe ingingo zibiri. Nazo n’izi:

1.Abaserukira iryo shure biyemeje :

- Gusubiramwo gutunganya ibikorwa vyaryo n’ivyo rishaka kugerako

- Gusubiramwo integekanyanyisho zaryo

- Gushikiriza abategetsi babishinzwe icegeranyo c’ibikorwa bihabera

- Gutunganya inyigisho zo ku mutaga gusa.

- Kwugurura ububiko mw’ibanki ijako amafaranga ishure rikoresha kugira ngo ntakoreshwe nabi kandi mu kinyegero

- Kurazwa inshinga n’indero nziza y’abanyeshure, no kubafata neza

- Kuraba neza ko abarezi n’abanyeshure b’abanyamahanga bafise impanuro zibaha uburenganzira bwo kuba mu Burundi

- Kwubaka inzu yo guha uburaro abanyeshure bava hanze y’intara ya Kirundo

- Amashure yari yatandukanye asubira hamwe akaba ishure rimwe rukumbi ryigisha ikorowani, abigisha n’abarezi bose bakaba ariyo bakurikira

- Mu vy’agateganyo, iryo shure ryoba ryakira gusa abana baturuka mu Kirundo canke bafise incuti mu ntara ya Kirundo.

- Ko iryo shure rizokwugururwa ku mugaragaro mu gihe rimaze kwuzuza ivyo vya ngombwa vyose vyavuzwe haruguru.

2. Bene gusezerana bategerezwa kwubahiriza bose aya masezerano ata guhigimanga.

Inyuma y’ayo masezero yateweko igikumu, Buraramatari w’intara ya Kirundo, Reveriyano Nzigamasabo, yasavye ko hokwubahirizwa ivyo vyateweko igikumu kandi ko iryo shure ritegura iryigisha ikorowani ryokwisuganya ku neza y’ibibondo bihiga.

JPEG - 33.6 ko

Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.