IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Amasererano n’Ububirigi yo gufasha igisata c’indero

Amasererano n’Ububirigi yo gufasha igisata c’indero

mardi 18 Ruheshi 2013

Umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu, Laurent Kavakure ari kumwe na mugenzi we w’inyigisho za Kaminuza n’ubushakashatsi hamwe n’uwuserukira igihugu c’Ububirigi mu Burundi bashize umukono ku masezerano y’ugufashanya mu gisata c’indero n’inyigisho zo gusoma no kwandika ku bakuze.

Iyo mfashanyo ingana n’amafaranga y’abanyamerika imiriyoni 52.900 izofasha mu kiringo c’imyaka itatu kuva mu mwaka w’2013 gushika mu mwaka w’2016, akaba yatanzwe n’ikigega mpuzamakungu gifasha igisata c’indero.

Igihugu c’Ububirigi gisanzwe kiza imbere mu gufasha igisata c’indero, nico ciyemeje gukurikirana ikoreshwa ry’iyo mfashanyo.
Mw’ijambo ryiwe, umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu yashimiye igihugu c’Ububirigi ku kugene kidahengeshanya gufata mu mugongo igihugu c’Uburundi. Yongeye aramenyesha ibikuru bikuru bizorangurwa muri uwo mgambi. Hari kurondera kunganisha ibitigiri vy’abakobwa n’abahungu mu mashure, hazokwigishwa kandi abakuze gusoma no kwandika gushika ku bice 50 kw’ijana narirya mu gihugu hari igitigiri c’abanyagihugu benshi batazi gusoma no kwandika.
Ibindi bizorangurwa ni uguteza imbere inyigisho mu mashure yaba mato mato n’ayisumbuye.

Yarangije ashimira uwuserukira igihugu c’Ububirigi, igihugu gisanzwe citaho indero y’urwaruka mu mashure ari nayo nshingiro y’iterambere mu gihugu.


Prosper Ndayikeza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.