IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amashirahamwe n’imwe mu migambwe bateye akamo amakungu kugira afashe abahuye (...)

Amashirahamwe n’imwe mu migambwe bateye akamo amakungu kugira afashe abahuye n’imvura

mardi 11 Ruhuhuma 2014

Abatari bake baguma bashikiriza amajambo yo guhoza abaraye bahuye n’akaga k’imvura yahitanye abantu n’ibintu. Bamwe mu barongoye amashirahamwe ataho yegamiye muri poritike, n’imwe mu migambwe bahojeje imiryango yacikiye amaboko muri nyakaga k’imvura.

Mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD uvuga ko waraye ubabajwe cane n’abantu baraye bahitanywe n’imvura y’isegenya yaguye kuri uyu w‘9 Ruhuhuma mu mwaka w‘2014, mu gisagara no mu ntara ya Bujumbura. Muri iryo tangazo ryashizwe ahabona n’umugambwe CNDD FDD, uvuga ko kubera iryo bara ryaraye riguye, uhojeje kandi wifadikanije n‘imiryango yose yabuze ababo n’ivyabo, ukabasaba gukomeza kwihangana. Umugambwe CNDD-FDD urateye akamo, abarundi, amashirahamwe, abagiraneza bose gufata mu mugongo imiryango yahuye n’ayo makuba mu kubaronsa ivyankenerwa vyotuma ubuzima bubandanya.

Leonce Ngendakumana arongoye ADC IKIBIRI hamwe n'umugambwe Sahwanya FRODEBU ari kumwe n'umunyamabanga mukuru w'umugambwe.

Eka no mu mugambwe Sahwanya FRODEBU bakaba bashikiriza ko ivyashitse bibabaje. Umukuru w’uyo mugambwe Lewonce Ngendakumana ari kumwe n’umunyamabanga mukuru w’uyo mugambwe Faraziya Bigirimana bakaba baciye baja nabo mu Buterere, kugarukira kubahuye n’iyo ngorane y’imvura.

Bamwe mu barongoye amashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike n’abarundi batandukanye bakaba baguma bandika amajambo yo guhoza abaraye bahuye n’ako kaga, babicishije ku buhinga ngurukana bumenyi bwa facebook.

Pacifique Nininahazwe arongoye FOCODE

Pacifique Nininahazwe arongoye ishirahamwe FOCODE avuga ko ashimira Reta mu gikorwa co guhamagarira abaza gufasha abacitse kw’icumu. Avuga ko abantu batandukanye boza gufasha mu kugarukira ku bantu ataco bafise na kimwe. Aho bamwe batagira ico bafungura, amazi yo kunywa, ivyo bambara ivyo kwipfuka n’ibindi. Avuga ko hakwiye kubaho umurwi wokwegeranya imfashanyo zofasha abahuye n’iyo mpanuka y’imvura, uyo murwi ugashobora kwegeranya imfashanyo zova hanze n’izo mu Burundi.

Irindi shirahamwe ririko ririta ku rutare mu kurondera imfashanyo zogufasha abo bantu akaba ari ishirahamwe ryishinze guhinduringendo mu rwaruka AJAP (Association pour une Jeunesse Africaine Progressive). Umukuru w’iryo shirahamwe Eric Nsengimana avuga ko abanywanyi bahurikiye muri AJAPAfricaine mu gihugu cose bariko barita ku rutare, mu kwegeranya imfashanyo zohabwa abantu baburiye utwabo n’ivyabo mu mvura yahitanye abantu.

Uwufise ico yoterera akaba ashobora kurondera abarongoye ishirahamwe mu ntara. Aheraheza avuga ko inama zo kuraba ico korwa mu kwegeranya imfashanyo zatanguye mw’ishirahamwe arongoye. Akaba nawe nyene ashima ingingo zafashwe na Reta y’Uburundi mu gikorwa cokwitaho abahuye n’izo mpanuka.

Tukabamenyesha ko yaba abari mu migambwe canke abari mu mashirahamwe, bose basaba ko amakungu n’amashirahamwe mpuzamakungu boza, bakagarukira ku babuze ibintu n’abantu mu Burundi.

Eric Nsengimana arongoye AJAPAfricaine

Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.