IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubudasa mu matangazo hagati ya Jacob ZUMA n’ubumwe bwa Afrika

Ubudasa mu matangazo hagati ya Jacob ZUMA n’ubumwe bwa Afrika

jeudi 3 Ntwarante 2016, par egide

Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika ryasohoye itangazo ritandukanye n’iryasomwe na Jacob ZUMA, umukuru w’igihugu wa Afrika y’epfo, inyuma y’isozerwa ry’urugendo rw’iminsi ibiri abakuru b’ibihugu n’ama Reta batatu bari bamazemwo mu Burundi.

Mu gihe inyuma y’urwo rugendo abandi bakuru b’ibihugu baraye batashe ku munsi wa gatanu w’indwi iheze, umukuru w’igihugu Jacob ZUMA yagumye mu Burundi araraho. Bukeye ku munsi wa gatandatu, Jacob ZUMA yasohoye itangazo kw’izina w’abakuru b’ibihugu yari arongoye muri urwo rugendo, ariko iryo tangazo rikaba ryasomwe mu gihe ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika ryari rigitegura itangazo risozera urwo rugendo abo bakuru b’ibihugu bahoramwo. Ivyo bikaba vyabaye nk’ibitanga isanamu mbi y’urwo rugendo abo bakuru b’ibihugu bahoramwo, hama hagasomwa amatangazo abiri.

JPEG - 43.2 ko
Jacob Zuma, umukuru w’igihugu wa Afrika y’epfo

Mw’itangazo rya mbere ryasomye na Jacob ZUMA, yahamagariye muri rusangi abarundi mu biganiro bidakumira, Reta y’Uburundi nayo ikaba yaciye ifatira aho yemera ibiganiro bidakumira, ariko bizohuza abatagira ivyo bagirizwa, aho bikumvikana ko abatavuga rumwe n’ubutegetsi bari hanze y’igihugu, bahurikiye mu runani CNARED batotumirwa muri ivyo biganiro kuko bagirizwa na Reta ko barimwo abashatse gutembagaza ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.

Iryo tangazo ryasomwe na Jacob ZUMA rivuga ivyo, mu gihe iryasohowe n’ubumwe bwa Afrika rivuga ko impande zose zegwa n’ibibazo vy’Uburundi zotumirwa mu biganiro, ata na kimwe kirinze gusabwa canke kwisungwa (Dialogue, sans pré-conditions).

Iryo tangazo ry’ubumwe bwa Afrika ritasomwe n’umukuru w’igihugu Jacob ZUMA rirashimangira kandi mu kuvuga ko abo bakuru b’ibihugu bahora mu Burundi bazoja kubonana mu mahanga n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwa NKURUNZIZA, babasanze aho bahungiye.

Itangazo rya Jacob ZUMA ryasavye amakungu kugarukana imfashanyo zahora zihabwa Uburundi zahagaritswe, mu gihe ubumwe bwa Afrika bwasavye ko imfashanyo zogaruka umutekano ubanje kwisununura mu Burundi.


IGIHE

Messages

  • None ko abarundi bariko badukina nkuko umenga turi imipira burya Imana irahora ihoze!ikihari iyi leta ya nkurunziza nuko yohava kuko nivyo biganiro nuko ari ibimusaba kurekura ubutegetsi yihagiye ku nguvu!ivyabo bakuru bibihugu nabo nyene nuko bazi ivyo bariko bategura mu bihugu vyabo niyo mpamvu bamwe bamuha impigi

  • Iyinkuru Ntitomoye Neza! Ariko Ndazi Hazovurwa Vyishi; Nyangoma Sinduhije na NIYOMBARE nabandi Batatu Ntamenye nababonye Bibereye I Gitega-Jimbi Munama.

  • ivyo ntacobitwaye nimureke kudumisha ibintu, kizima bose bavuze ibiganiro. ikinyamakuru IGIHE nimugabanye kuza murashusha abantu imitwe, nimuze muradushikiriza nayandi makuru yibirikobiragendaneza mugihugu. nkakarorero murinondwinyene hari ibihugu umunani8 vyuguruye Ambassade nshasha muburundi ivyonavyo ni Autralio, Autriche, Qatar, phiripinne, italie.suisse, sierra leone, Danemark. ivyo nibintu vyerekanako muburundi atangorane zikakaye ziriho kandi biraremesha ntakuntu boza kwugurura zambassade mugihe hobahari ingorane. uburero amakungu aratanguye kubona ukuri e nibindi bizoza.....nivyo ikinyoma citangirimbere ukuri, ariko ukuri gushitse kukabonekera bose...

  • UWO musuma NGO Ni Zuma bari bayobewe yuko ashyigikira interahamwe nigute yotangaza ibizirwanya aho ziri muburundi . barundi barundikazi mugihe mutagiye mubiganiro bidakumira muzongera kubona amahoro Yesu agarutse.

  • Jewe mbona icotangurirwako mubiganiro Ari ukubanza gukura nkurunziza Hama hagakurikira gufata abicanyi Bose batumariye benewacu Hama numva bizoca vyoroha ko abarundi babandanya ibiganiro imitima yabo iri munda mbere wanasha aho boshobora guca bataha ibindi bakaza kubibandaniriza muburundi kuko bitagenze kutyo abobicanyi nadondaguye ngaho hejuru bakiru kubutegetsi bobangamira ishirwa mungiro ryivyoba vyumvikanyweko

  • Ewee Zuma,zuma naho adataniye na nkuru,ushimye zuma ntacho yomarira abarundi atari kuza gusahura nivyo azakurihwa nankuru ngo amuvugire.ichokigabo zuma ninda ndende nka nkuru.isato kuyindi.ariko vyose imana iza kuturihira twebwe abana bimana.

  • Iconovuga coco ikinyamakuru igihe gerageza namwe mureke gukokeza namwe ivyanyu bizoja ahabona.

  • @Ernest, nihaba hakibaho abicwanintuntu wewe ushobora kuzoba mubambere mugihe wokwishinga guhangana nibuye H.E Nkurunziza Mukorumbone.
    Hanyuma jewe ntamakosha mbonye muribivyanditswe.

  • Nivyukuri Muburundi Umutekano Urikuboneka Twosabako Kuvyukuri Imfashanyo Z,uburundi Zogaruka Impunzi Nizigarukemugi Hugucabavyaye

  • Emwe Bakurub Bafirika,? Mbegayemwe ,ubwonibwengeki,? Yoooo,w,,,

  • @Igihe.com (ikinyamakuru cya Satan Kagame). Uburundi amahoro niyose. Ngira mugiye guhomba kuko ibinyoma mubeshya kandi i Burundi hari amahoro ntawe ubiyobewe.

  • None uwo mu perezindi yasigaye muburundi akoriki kwabandi bari bamaze gutaha? yi sigaje inyuma babe barakora ivyamanyanga na Nkurunziza.ivyovyose yatangaje nivyo yarongerewe mumutwe na pete, ya muboreje wisiki nikiturire cishi cane kuko nimvugo yiwe iramuranga ntabwo yo kubahutse gutangaza ivyo bagenzi biwe batamutumye. iheraba arahinyutse burya uwavuze ati ikinyoma kimara umusi ntikimara umwaka yavuze ukuri. ikibazo cuburu ntamushonji yo kishobora, abazungu gusa nibo bataryiturire nabandi ekaye!. rekaa tuzobikurikiranira hafi turabe iherezo ryabo ba perezida batanguye kuvugindimi zibiri.

  • ivyisi namnyanga gusa.nukwiciragafaranga gusa ntanzirimwo.nukitezamafoto mbay kagame.urubanza nurw’Imana.

  • abakuru b’ibihugu ba Afrika barashigikiraniye

  • AMAKUNGU NAFASHE MUBIGANIRO AHANDIHO ABA JEUNE TUZOHONA TUZIRA UBUSA . ABA CNDD NTIBAKINA.

  • abo nyene twita babi na bo batwita babi. ok? n abarundi,tukab abarundi ntaho dushirana. ok? tubacira urubanza bakaducir urundi... none bigende gute? abo ni bo dufitaniye amatati ! none, ab ataco bagirizwa nka jake bigirimana na conciriya nibigira (ee,ehe basha baritiranwa), turafatanye mu nda,dusangiy kabisi na gahiye... ni nd aturasa, ni nde ater amabombe ku mabati twiryamiye? Zuwa, EAC, UA, UE, UN, USA, booose nta n umwe ashoboye kugir ic adufashije kiretse TWEBWE TWENYENE twemeye ko ata wera kuruta uwundi,mugihe tutemerana ngo: mvuge,uvuge,avuge,tuvuge,muvuge ivyo dupfa, tuvyagirizanye imbona nkubone uwagiriy akabi yemere ko yakosheje, mu burundi kuva na kera vyarâmye ko umuntu yengera abagabo...abarundi bavyita "KWIMENJURA"

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.