IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ubushikiranganji bw’ubutungane buranezerezwa n’ivyaranguwe mu mezi (...)

Ubushikiranganji bw’ubutungane buranezerezwa n’ivyaranguwe mu mezi atatu

dimanche 9 Munyonyo 2014

Amezi atatu arangiye, ubushikiranganji bw’ubutungane buranezerezwa n’uko ibikorwa vyagenze nk’uko bishikirizwa na Pascal Barandagiye aramutswa ubwo bushikiranganji.

Amenyesha ko muri aya mezi atatu arangiye, abacamanza bakoranye ishaka ridasanzwe aho amwe mu madosiye y’imanza bayarangije. Barandagiye kandi akaba yaboneyeho kumenyesha ko no mu minsi y’impera z’iyinga bazohora bakora mu gihe c’amatora. Umushikiranganji w’ubutungane akaba yaboneyeho no kumenyesha ko amabohero yonyene agiye kuzitunganya, hagashobora gukorwa n’ibikorwa bishobora gutuma zimwe mu ngorane z’ubutunzi zihanze amabohero zitorerwa inyishu.

Ariko rero tukabamenyesha ko amwe mu mabohero yo mu giporisi canke mu makomine nk’uko vyagiye biravugwa n’ishirahamwe APRODH usanga atagira ubuzu bwa surwumwe, ayandi nayo ugasanga atagira amadirisha, ku buryo abanyororo bashobora kuhakura n’indwara z’amaso. Ubushikiranganji bw’ubutungane bugahamagarirwa kugira ico bufashije kuri izo ngorane z’ayo mabohero.


Aristide Nizigire

Messages

  • Niwe mushikiranganji mbona muriyo leta agerageza gukora neza naho ari ubushikirangaji bugoye ufatiye kubutegetsi bwumukazo nkubu bwiwacu

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.