IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > AMISOM iramutswa intwazangabo y’umurundi ubwa mbere

AMISOM iramutswa intwazangabo y’umurundi ubwa mbere

vendredi 15 Munyonyo 2013

Ku ncuro ya mbere, uburongozi bwa AMISOM bwahawe intwazangabo y’umurundi, isubiriye mu kibanza c’umuganda yari amazemwo imyaka itandatu. Lieutenant Général Silas Ntigurirwa, w’imyaka 45, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi niwe yashikirijwe amabanga yo kurongora AMISOM (African Union Mission in Somalia).

Lieutenant Général Silas Ntigurirwa yavukiye muri komine Murwi, intara ya Cibitoke. Yinjiye mu muhari CNDD waryanya ubutegetsi kuva mu mwaka w’1994 gushika mu mwaka w’1999. Inyuma y’aho, yarashinzwe amabanga akomeye y’igihugu nk’umukuru w’umurwi w’amahoro n’ukwivuna abansi kuva mu mwaka w’2000 gushika uw’2003, mu kiringo c’ibiganiro vy’amahoro n’uguhagarika intwambara. Yarabaye kandi n’icegera c’umuhuzabikorwa mu biro bikuru vya gisirikare.

JPEG - 9.7 ko
Lieutenant Général Silas Ntigurirwa

Imbere y’uko agenwa kuba umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi, yarabaye umuyobozi mukuru muri ubwo bushikiranganji, yongera aba n’umunyamabanga mpuzabikorwa mu murwi wari ujejwe gusubiza mu buzima busanzwe abahoze ari abarwanyi.

Kubona AMISOM iramutswa intwazangabo y’umurundi ni iteka ridasanzwe ku Burundi, kuko abaye umurundi wa mbere arongoye ingabo ziva mu bihugu bitandukanye zarungitswe kugarukana amahoro mu gihugu ca Somaliya. Lieutenant Général Silas Ntigurirwa azotangura amabanga y’uburongozi bwa AMISOM ku genekerezo rya mbere Kigarama uwu mwaka turimwo w’2013.


Egide Nduwimana

Messages

  • Turamukeje twongera tunamusabira ku MANA ngo imuje imbere murayo mabanga atoroshe agiye kurongora nkarangiza vuga nti:"Abarundi Turashoboye"

  • Abarundi mukomeze kuduteriteka mwivuyinyuma muguterintambwe mugukorivyiza kurwego rwigihugu c’Uburundi nokurwego mpuzamakungu,Ndakeje Silas muri Amisom na Buyoya yahoze arumukuru wigihugu cacu c’Uburundi, Turabakunda.

  • Turamukeje nakomere kumuheto dusaba ko Union african itokwibagira nokugarukana amahoro mu Burundi

  • wowe wiyise. gasasira .uvugango GATSIZI MARCEL.niwewishe nyiragicanda uwari umuyobozi wabutare ninde?????. ntimukandike amatiku kagame namwivugana bazamushyikirize ubutabera sentare

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.