IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Arcade NIMUBONA yasubirijwe mu mabanga

Arcade NIMUBONA yasubirijwe mu mabanga

samedi 10 Gitugutu 2015, par egide

Kw’itegeko ry’umukuur w’igihugu nomero 100/41 rigena abategetsi bashasha mu nzego z’ubutungane, Arcade NIMUBONA yahora ari umushikirizamanza wa Repuburika mu gisagara ca Bujumbura yasubirijwe na Cyrille NKANUYE.

Muri iryo tegeko, Sylvestre Mpabwanayo yahawe sentare ntahinyuzwa, Domine Banyankimbona akaba icegera, abahanuzi nabo akaba ari Prosper Nkurunziza, Viateur Bagumyumutima, Joselyne Akintore na Léopold Kabura.

Gordien Ntagirabiri yahawe sentare isubiramwo imanza ya Gitega, Adolphe Havyarimana sentare isubiramwo imanza ya Bururi.

Jeanne Habonimana : umukuru wa sentare nkuru ya Bujumbura-rural

Laurent Niyukuri : umukuru wa sentare nkuru ya Bururi

Ernest Nduwimana : umukuru wa sentare nkuru ya Kayanza

Jérémie Ntakarutimana : umukuru wa sentare nkuru ya Kirundo

Janvier Nsabimana : umukuru wa sentare nkuru ya Muramvya

Ivette Ruderi : umukuru wa sentare nkuru ya Ngozi

Egide Nahayo : umukuru wa sentare nkuru ya Rumonge

Jeanine Ingabire : umukuru wa sentare nkuru ya Ruyigi

Richard Nduwayo : umushikirizamanza wa Repuburika mu ntara ya Bururi

Léandre Sindayigaya : umushikirizamanza wa Repuburika mu ntara ya Cankuzo

Fidèle Nyabenda : umushikirizamanza wa Repuburika mu ntara ya Makamba

Patrice Ciza : umushikirizamanza wa Repuburika mu ntara ya Muyinga

Désiré Nyandwi : umushikirizamanza wa Repuburika mu ntara ya Rumonge

Edouard Niyigaba umushikirizamanza wa Repuburika mu ntara ya Ruyigi


IGIHE

Messages

  • Arcade We Yagiye He? Ko Yari Akerebutse Cane Mugupfunga Abo Leta Yanka, Uwowundi Azobishobora?

  • Igihugu capfuye kera kubona Arcade yahora ashinzwe amabanga nkayo ni akamaramaza. Iyo Kariyo abajije ati Arcade we yagiye he ko yari akerebutse cane mu gupfunga abo Leta yanka?
    Ikibi Arcade si ico yiga: ndamuzi yiga imbere yanje mw’iseminari mu Kanyosha, yarimwo ikibi kibishe. Hamwe n’uwo twita Bushoro(Rémy) bakinda bagaramye kandi bakiri mu mwaka w’icenda. Iyo mvuze ko bari abanyakibi, je pèse mes mots kuko bari ishano.Ils incarnaient le mal.
    Igihugu c’Uburundi rero iyo gitwarwa n’abantu nk’abo birumvikana ko atawe vyotangaza kubona ku munsi ku munsi hatorwa imivyimba y’abantu bicwa ataco bazira. Uburundi twaremeye turaha igihugu (nako baracihagiye) abarimwo agakoko , ntihagire ineza twitega.

  • Ubutungane ni nkingi ikomeye mu gihugu.ubutungane bukeneye ibikoresho bi kwiye. kugira bu koreneza. na gahembo gakwiye no kwigenga. maze baroranigwe mu bikogwa vya misi yose. Gakozi Emmanuel.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.