IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Bagiriza Leta gufata minenerwe ibibazo vyabo

Bagiriza Leta gufata minenerwe ibibazo vyabo

mardi 22 Gitugutu 2013

Abigisha bahurikiye mu masendika CONAPES, STEB na SLEB barababajwe n’ukungene Leta ifata minenerwe ibibazo vyabo nk’uko vyashikirijwe n’amasendika yabo. Bashikirije ikibazo c’ikosorwa ry’ubusumbasumbane bw’imishahara hamwe n’ikatwa ry’imishahara vyakozwe n’ubushikiranganji bw’abakozi ba Leta muri aya mezi ane aheze.

Mu kiganiro bahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 22 Gitugutu, abahurikiye mu masendika STEB, CONAPES na SLEB bararajwe ishinga n’ikibazo c’uko Leta iguma ifata minenerwe ibibazo bibahanze. Ku bw’abo barongoye ayo masendika, Leta yari yariyemeje gukosora ubusumbasumbane buri mu mishahara, ariko vyabaye umugani kuri bo, amaso yaheze mu nzira. Bati : "Aho kuba akaryo ko gukosora, ahubwo kabaye akaryo ko kwongera ibisata bimwe bimwe, uburusho hamwe n’ubundi buryo buhinguye butisunze amategeko."

Ayo masendika akaba yashikirije ibibazo nyamukuru bikurikira, ubwa mbere Leta yarimonogoje mu gusumbasumbanya imishahara mu mwaka w’2003, n’2007, ubugira kabiri, kugira Leta ihoyahoye abibagiwe, yarashizeho imirwi nk’akarorero mu mwaka w’ 2006 n’2009. Hari n’abahinga baje, abo mu masendika baraterera ivyiyumviro cane ku cokorwa, mbere Leta iremera ko bizoja mu ngiro mu mwaka w’2014, ariko n’uno musi Leta ntaco iravuga kuri ico kibazo buca cigwa mu nama nshikiranganji izoza.

Ica gatatu kibateye umwitwarariko, n’uko Leta yama yitwaza amategeko iyo abakozi bagize ico basaba ikaba iyambere iyarenga, iyo hageze kwihweza inkwirikizi z’amatati zayivuyeko, akarorero Leta yatwaye ukwezi kwose abigisha bo muri CONAPES bari bagize yegereyegere kandi bahagaritse akazi iminsi 20 gusa. Abigisha nabo bo muri STEB barahagaritse akazi imisi itandatu boba batwawe ukwezi kwose canke abiri. Abahurikiye muri ayo masendika basaba Leta gushira ahabona icegeranyo co kugabanya ubusumbasumbane bw’imishahara, nk’uko cumvikanyweko hamwe n’amasendika nk’uko Leta yavyemeye mu mwaka w’2011.

Ikindi naco n’uko bosubiza abigisha bo mu mashure yisumbuye umushahara w’imisi cumi batwawe hamwe no gutunganiriza abigisha bose batwawe imishahara ku karenganyo k’ubushikiranganji bw’abakozi ba Leta. Basavye abigisha nabo gukurikirana ku munsi ku munsi ishirwa mu ngiro ry’ivyo Leta yemeye, gutohoza neza inkuru z’ababahuvya, bababuza guharanira inyungu zabo, kuba maso bakagira urunani rw’intamenwa.

Abo bahurikiye muri ayo masendika barangije bamenyesha ko mu gihe Leta yobandanya yica amatwi, bazofata ingingo zibereye bemererwa n’amategeko. Ico kiganiro kikaba cagirishijwe na Emmanuel Mashandari (CONAPES), Nahishubije Mariya Chantal hamwe na Nibizi Eulalie (STEB).


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.