IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Bujumbura : Bamwe mu bana ntibagira impuzu n’ibikoresho bivanye n’imvura (...)

Bujumbura : Bamwe mu bana ntibagira impuzu n’ibikoresho bivanye n’imvura y’isegenya yaguye

lundi 24 Ruhuhuma 2014

Inyuma y’imvura y’isegenya yaguye mu gisagara ca Bujumbura igahitana abantu n’ibintu mu makaritiye amwe amwe y’igisagara ca Bujumbura, abana bari mu myaka yo kuja mu mashure y’intango bamwe bamwe n’ubu bari muhira, abavyeyi bakavuga ko hari ingorane y’ibikoresho ndetse n’impuzu zabo bana.

Ishirahamwe ryitaho imbabare Croix Rouge rimenyesha ko ririko riragira amatohiza kuri abo bana kugira rimenye ivyo bakeneye, vyotuma basubira kumashure. Abana bava mu Gatunguru, Kinama na Carama bakoraniye muri site ya Kinama ya mbere, ntibaraja ku mashure bivanye n’uko igihe imvura yagwa ku wa 9 Ruhuhuma, atanakimwe casigaye mu mazu yabo. Abo bana ntibagira amakaye, impuzu n’ibindi bikoresho. Abo bana rero ubu, ugasanga bisaba ko baja kwiga kure, ndetse bamwe mu bavyeyi babo, bigasabwa ko barinda kubaherekeza ku mashure, kugira bajabuke amabarabara.

Ariko rero amakuru ava mu buyobozi bw’ indero aho mu Kinama, akaba avuga ko hamaze gusabwa imfashanyo kugira abo bana bashobore kuronka ibikoresho, maze basubire ku masomero. Muri iyi minsi rero batiga, abakozi bo mw’ishirahamwe ritaba imbabare Croix Rouge, bakaba bagguma bariko barafasha abo bana n’abandi mu nkino, ndetse bakabaha n’utubazo tujanye n’ukwikingira indwara ziva kw’isuku rike, n’ibindi. Amareresi n’utundi dukino, bikaba bitunganywa, mu ntumbero yo kunezereza abo bana.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.