IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Bane mubagirizwa urupfu rwa Lt GenAdolphe Nshimirimana barengutse

Bane mubagirizwa urupfu rwa Lt GenAdolphe Nshimirimana barengutse

mercredi 2 Nyakanga 2015

Abantu bane bari mu bikekwa ko aribo bagandaguye Lt Gen Adolphe Nshimirimana kw’igenekerezo rya 2 Myandagaro 2015,bararengutse imbere y’umushikirizamanza mukuru wa Republika Valentin Bagorikunda kuwa kabiri igenekerezo rya 1 Nyakanga 2015.

JPEG - 87.9 ko
Abantu bane bari mu bikekwa ko aribo bagandaguye Lt Gen Adolphe Nshimirimana kw’igenekerezo rya 2 Myandagaro 2015

Abo barengutse ni umusirikare afise ipete rya Sereja Major BIGIRUMUGISHA Cadeau,abapolisi b’ipete rya agent de police chef MIBURO Mathias, NIMUBONA Rénovât na NIYONKURU Philibert.Barengutse mu ntumbero yo kubandanya amatohoza ku rupfu rwahitanje Lt GenAdolphe Nshimirimana.

Mw’itangazo ryashikirijwe n’umushikirizamanza mukuru wa Republika Valentin Bagorikunda,arashimira abanyagihugu bakoze batiziganya kugira bafashe mu gikorwa co guhagarika abo bafashwe,aca amenyesha ko n’amatohoza ku rupfu rwa Colonel Jean Bikomagu ariko arabandanya.

Muri iryo tangazo,umushikirizamanza mukuru wa Republika amenyesha ko bariko barakora kugira begeranye ivyoshobora gutuma hamenyekana uwakoze ubwo bwicanyi nyezina.

Umushikirizamanza mukuru wa Republika arangiza asaba abanyagihugu kugira uruhara ruboneka mu gufasha kurondera ukuri kuri ubwo bwicanyi.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Mbd Abishe Bikomagu Bo Bazofatwa Ryari? Ubu Ababandanya Bica Abantu Bazofatwa Ryari? Canke Ubutungane Bukorera Kuruhande Rumwe?

  • Procureur ntariko arondera ubutungan arko arondera umukat,arko kubantu bazi ivya gisirikare un S/Offr avec un Gnl bahurira kuk?naho atagomba kubishira ahabona urya ni "mcheza wa ndani wa ba dd wakoz"

  • Mugisangaribo muzibahane mwiganukiriye mazebazobone kwanafranga bemererwa nabanyaburaya bayacishije mubarundi hariho arirdyankurye, ariko ntimwibagireko reseau yabashaka gukorera ibibi uburundi nabarundi arimurwanda.

  • muratumako hamwe na petelo nkurunziza

  • Abishe ba BABIKIRA 3 baba taliano barihe?abishe MANIRUMVA barihe?mbe WAMUSAZI wari waciriye uwo guherayo ga BAGORIKUNDA umwagiriza irementanya ngo niwe yishe ABABIKIRA waramurekuye?IPUUUUU muzopfa uko mwa binywamaraso mwe muryoherwa amaraso ariko araseseka.

  • @ Kariyo, wobuziko ikintucose gifise umwanyawaco? Harinigihe anatohoza kubice Bikomagu wosanga aranyarutse nkakueya amatohoza yabishe Rwagasore na Ndadaye yanyarutse.

  • Ce procureur de la republique nigikoresho c- ubutegetsi. Izina niryo muntu BIRAGOYE KOKO KUMUKUNDA. Nareke guta umwanya akora des enquetes kandi azi ingene urubanza ruzorangira. il faut etre bete pour s - imaginer que des caporaux et sous officiers peuvent planifier l- assassinat d-un haut gradé en utilisant des moyens sophestiqués ni mchezo wa ndani mere nkabandi.We BAGORIKUNDA kura mu gihugu ubucamanza BUCIRA INKONDA NAYO IVYO UTAMIKWA NABA DD bituma tutaguha nirwere kanatsinda nta mugabo yama atamikwa ijambo.Nashaka menyeshe abantu ko ukuri kutazigera kuja ahabona. NKABA NDABIFURIJE KUBANDANYA MUTA UMWANYA WANYU NO KURONDERA ABO MWOTAKO UBWO BWICANYI DU BOUCHIER LIEUTENANT- GENERAL ADOLPHE

  • inzirakarengan ntizibura !!!mana weee abishe bababikira ko bataramenyekana?

  • None abobikekwa nabahe? tubone ifotozabo

  • Nibazako Bazorekurwa Samedi Non Amasengesho Nkuru Arimwo Azoreka Kubabarira Abandi Kwarivyo Bibilia Ivuga?

  • ko nta nkurunziza ulimo

  • Abo batutsi nubundi bamenyereye kunywa amaraso. Nibararase cg mubatere inshinge.

  • emma

    nyakubahwa bagorikunda iyo muriko muvuga ngo abagandaguye nyakubahwa LT general adolophe shimirimana kobarengutse mubamusa na bariko baratwibutsa akababaro kumuzehe wacu bagandaguye, mbe ko musa nababakingiye bobo ntibopfa nkuko uwacu yapfuye?

  • Wewe Wiyi None. Kowigize Umuvugizi Wa Proc Gen, Nyishura Vyose. Nacjije N’ Abariko Barica Abantu Ubu Aho Bazomenyekanira.

  • Amatohoza yoyo yama yabay muribuno burundi mugabo abanyagihugu tukaguma turindirany igishika ukuri kuramvuy muga amaso agahera munzira!twebw abarundi tuba dukeney abantu baguma bahekura uburundi muga bagaca baguma badindiza urubanza

  • Abishe ba BABIKIRA 3 baba taliano barihe ?abishe MANIRUMVA barihe ?mbe WAMUSAZI wari waciriye uwo guherayo ga BAGORIKUNDA umwagiriza irementanya ngo niwe yishe ABABIKIRA waramurekuye ?IPUUUUU muzopfa uko mwa binywamaraso mwe muryoherwa amaraso ariko araseseka.

    NANJE NSUBIYE GUSABA KO UWISHE WESE YOHANWA KU GATWE KIWE HAKO ABANTU BINZIRAKAREGNWE BAGUMA BATOTEZWA. MBE NIKUBERIKI AYO UNYARUKIJE KUYAKORA AYANDI YOYO HABUZIKI???????????????????????

  • Mbe abishe babana bo kumutakura na papa wabo bazomenyekana ryari? ni bareke kudukina .

  • Hamwe Imana Yobikora, Abagize Ubwo Bwicanyi Bakica Lt Général Adolphe Nshimirimana, Bakamenyekana,vyobavyiza Bagerewe Kungero Bagereyeko Abandi. Reka Dusabe Imana Izobidufashemwo, Hafatwe Nyezina.

  • Bararengana nibaz ko bijijish ek nibamuheb kko nimuchez wandan.naw numwicany nizrko umumurro baribnaniy

  • Uyo musazi yahaje rushwa nicogituma avuga ayo.mureke gutoteza abobantu kandi arimwe Abicanyi bambere mupfa iyo rushwa mwarahinyutse basha

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.