IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Banse kugira defire nk’abandi bakozi kuko nabo batumvirizwa na (...)

Banse kugira defire nk’abandi bakozi kuko nabo batumvirizwa na Reta

vendredi 2 Rusama 2014

Inama nkuru y’abakozi bo muri sendika CONAPES ntibigeze baja kuri defire y’umunsi mukru w’abakozi n’akazi, ivyo bikaba vyatumwe n’agashavu bafise kajanye n’ukwo bafatwa mu kazi kabo.

Nk’uko Emmanuel Mashandari abivuga, abigisha bafatwa nk’abakozi bo ku murwi ugira kabiri, mu gihe abandi bakozi baguma bongerwa agashahara, ariko bobo ntibongerwe, ndetse Reta ikaba idashaka kwumva ivyipfuzo vyabo, mu bijanye n’ukwongerwa agashahara bavuga ko ari intica ntikize. Abo bahurikiye muri iyo sendika bakamenyesha ko batari gushobora kwirirwa baraja kudefira, mu gihe n’ivyo basaba bitigera bija mu ngiro.

Mwomenya ko kuri uyu wa mbere Rusama, abaserukiye abakozi n’abakoresha, basavye Reta gukora ibishoboka, kugira habe inganishwa ry’imishahara mu bakozi, mu gihe bemeza ko hari ubusumbane mu mishahara y’abakozi ba Reta.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.