IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Bati : “Ntiturota tuva ngaha tutiyumviye umuhuza w’abarundi”

Bati : “Ntiturota tuva ngaha tutiyumviye umuhuza w’abarundi”

mardi 20 Myandagaro 2013

Abanyeshure bo mu mwaka wa 1 n’uwa 2 muri kaminuza y ‘Uburundi no kuri uno musi wa 2 igenekerezo rya 20 Myandagaro 2013 baracagandagaje imbere y’ibiro vy’umuhuza w‘abarundi. Bakaba baje kubaza aho ibibazo vyabo batuye umuhuza w’aburundi bigeze, haba ic’agafashanyo batarabona gushika n’aya mango, aho bavuga ak’ukwezi kwa Ruheshi, Mukakaro, Myandagaro gushika n’ubu batararonswa. Ikindi kibazo ni icerekeye abanyeshure baguma birukanwa ngaho mu bigo vya kaminuza n’umuyobozi ajejwe uburaro biyongera ku bari birukanywe n’itegeko ry’umushikiranganji.

Arakaza Arsene umwe mu baserukira abanyeshure bo mu mwaka wa kabiri mu gisata c’ibiharuro amenyesha ko baje ngaho kwitura umuhuza w‘abarundi ko batava ngaho atagize ico abashikiriza .’’Ati twebwe abanyeshurwe bo mu mwaka wa 1 n ‘ uwa 2 ntituba mu bigo vya kaminuza , tuba mu mazu dupanze biragoye kubaho .Twashimye kuza ngaha aho ko dupfira mu busho kubera amadeni twabuze ico turiha .’’

Abo banyeshure kandi basaba ko abo birukanywe bogarukanwa mu bigo vya kaminuza , abo banyeshure bavuga ko bagarutse ngaho ku muhuza w ‘ abarundi kuko umurwi batoye ugizwe n ‘ abanyeshure 10 hamwe n ‘ abakozi 4 bo ngaho mu biro vy ‘umuhuza ataco barashikiriza cavuyemwo ukwezi kuraheze kuva igenekerezo rya 18 mukakaro kugeza irya 20 myandagaro . Ntivyumvikana ingene abo bandi banyeshure kandi baguma birukanwa kandi batari ku rutonde rwa bamwe bari kuri rya tegeko nshikiranganji ryirukana bamwe ba mbere mu bigo vya kaminuza .

Ikinyamakuru ‘’ Igihe ‘’ kibabajije ico bagiye gukora mu gihe atanyishu batoye , bamenyesha ko ibigiye gukurikira atavyo bazi ariko ngo kuva ngaho ku biro vy ‘umuhuza ntibirimwo bati : ‘’ ntitugira ico dufungura ntidufungura no kwiga umuntu yiga harico yashize mu nda .

Ikibateye amakenga rero ngo ni uko uwo murwi bashinze kugira wige ibibazo vyabo gushika ino saha uriko wiga ikibazo cerekeye agafashanyo ariko ico abanyeshure birukanywe gisa nicibagiwe . Ikindi naco ngo ico kibazo ntikibonwa kumwe na bose hari indimi zitandukanye.

Mwomenya ko gushika igihe c’isaha zitanu bari bakindiriye kwakirwa mu biro vy’umuhuza ngo kuko ikibazo ariwe bagituye barindiriye ico abafasha kuko imbere yuko banaza ngaho kugandagaza imbere y ‘ umuhuza ikibazo bari bagituye ubuyobozi bwa kaminuza ariko nta nyishu bagitoreye .Umuvugizi w’umuhuza wa barundi akaba yemeye kuza kugira ico ashikirije abamenyeshamakuru mu masaha ari mbere .


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.