IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Bimwe mu vyemezo vy’abaja i Kongo vyatanzwe na Mbonimpa

Bimwe mu vyemezo vy’abaja i Kongo vyatanzwe na Mbonimpa

mercredi 7 Rusama 2014

Inyuma y’amasaha atatu ariko arabazwa n’icegera c’umuyobozi ajejwe ivyo kurwanya ibikorwa vy’inkozi z’ikibi, Petero Karaveri Mbonimpa avuga ko atangazwa cane no kubona mu bibazo yabajijwe haguma hagaruka ijambo Imbonerakure.

Umukuru w’ishirahamwe riharanira agateka k’abapfungwa n’akazinamuntu APRODH Petero Karaveri Mbonimpa, akaba yarengutse kuri uyu wa 7 Rusama, aca atangura kubazwa kuva igihe c’isaha zine n’iminota itanu, gushika igihe c’isaha y’umunani. Mu bibazo yabajijwe, akaba ari ibijanye n’urwaruka bivugwa ko ruja mu gihugu ca Kongo iharanira intwaro rusangi mu myimenyerezo ya gisirikare, aho bamwe ndetse baguma bahakomerekera nk’uko bamwe mu banyagihugu babivuga, hamwe n’ibijanye n’ingendo uwitwa Kazungu yoba agira muri ico gihugu.

Mbonimpa rero akavuga ko naho bamwe mu bategetsi bo muri Reta y’Uburundio barahira ko atamatohoza bazogira ku bijanye n’ibirwanisho bivugwa ko biriko biratangwa, ahubwo bimunezera kubona amatohoza yatanguye. Akavuga ko yiteguriye kuzotanga umuco kuri ivyo vyose bivugwa, yaba ku mazina y’abagenda aho muri Kongo, aho ndetse yasize ayatanze, kugira ico giporisi kijejwe kurwanya ububisha kize kiyakorereko.

Ku kibazo c’uwitwa Kazungu atari umuporisi ntabe umusirikare bivugwa ko yama i Kongo, Mbonimpa yasubiye kuvyemeza, aho ndetse yanamenyesheje ko kuri uyu wa 6 Rusama igihe c’isaha zitandatu n’iminota 45 Kazungu yari avuye muri ico gihugu kibanyi, Mbonimpa yamwiboneye ubwiwe bwa minwe. Avuga ko amafoto amwe ayafise y’abantu bazwi, atari abasirikare, ntibabe abaporisi, ariko bambaye impuzu za gisrikare mbere bafise inkoho, agasaba ko amatohoza yoba, kugira haze hamenyekane igituma izo nkoho bari bazifise.

Mbonimpa rero akaba yiyemeje gufasha kugira umuco uje ahabona. Avuga ko umwanya bazosubira kumurondererako wose, azitaba kugira ukuri kuje ahabona.


Aristide Nizigire

Messages

  • Abashingantahe nkabo nibo bakenewe muruyumwanya kugira igihugu ntikirwe mwisanganya. Bansumirinda nabo ivyabo bizohinyukabitebebitebuke canke naho batazoba bakiriho bizokwishurwa nabana bobo . Umwana wimbeba azira urwanko rwanyina . Ntibibaze ngo hari kazoza bariko barategura keza ahubwo bategura kabi . Nibicare hasi biyunvire . Kuvuga ukuri ntamafaranga bibasaba kandi nimihezagiro iraza iyo atanabi bifuriza mugenzawe.

  • Mu burundi dukeneye abantu nkabo bakundi igihugu bakagikorera nkuko.hubwoi nibateshwe bate ntibatuzanire aarambaraye mu gihugu

  • uwo mugabo nukuri bamumbarize .. kuri bavuginyumvira ati: jewe nshobora gufata ifoto nkayambika impuzu ... nkayikoresha ico nshaka. none ayo mafoto afite avuga ko arivyo vyabona abanzwe iyo yayakuye. abazwe ko atoba yarakoze wamugambi woguhindura amafoto yavuze.

  • Ariko ibabicanyi badutwara . !! Umuntu ariko arababwiza ukuri niwe bahamagaza kabisa nkuko ari umubeshi? DD ico mushaka kuburundi ntawukizi kabisa?ejo hahise barabatahanye babaza 1/kuboza /babaha impuzu/akazi/igisoda,igipolice etc none mushaka iki ubu naho?ndadaye mwitwaza gushika nubu urubaza gwiwe rurihe?1972 mwagwanira ubu babariye mushireho sentale ntimushaka? DD et Nkurunziza nimba mushaka kuba imana ivyo nimubisabe imana yonye ?kuko umurundi wese ivyo mwashaka yarabibahaye tagamahoro mwabigugu vyabahutu ?vyaba DD ??$!!!.mutama claver komera ncuti yuburundi

  • Ubwanwa butavug’ukuri bwovuzw’ikibiriti,Umugabo atavug’ukuri yoshik’urubanza ruheze,kuko niy’aserutse bamwakira bavuga bati seruka seruka uraseruts’ubgaseruts’ifuku,abandi bati ng’uyo mubisharukanywa araje rubihe nka Ed.Ndu.na Butore,mbega mbeg’uwo yiyita bugabo,navug’izina rirya nyene yitwa maze nimb’atanyibuka jewe ndamwibuka naje kuri Facebook duhurireho ndamwibutse kahise kiwe,mbega mwomumbariza ng’umwana w’imbeba ahorwa.....mwomenyera uwitwa KURUKIMFASHE arikw’arabazw’amabi se yakoze,canke ntanuw’azi,se wa Alex S,se wa François NY.bariko barabazw’ivyo bakoze? abasirwa b’Umugabo ntibuka neza!batazira ngw’Ic’umwana w’Umwami aririye arakironka bariko barabazwa bimwe yakora 1994?abo bandi nibande bobazwa n’abambere batararenguka!Obj,ng’urutaro ruca k’umugufi!Ohoooooo,vyarahindutse gito!ubu na Muremure rurakwega.Pole sana ndugu

  • Wewe wiyita muco iryo zina nturikwiye wewe urashobora kuvuga uko genda wewe umubaze turabe naho yobazwa ukuri kuzoguma gutsinda ukuri none niwewe nyene yabivuze nabakomeretse nabo urabahakana reka tuzoraba ko mutazotangara Uwohoraho abaciriyeko iteka Bagbo yarakomeye Sadam huseim yarakomeye nketse abazeye imfashanyo mumakungu.Wait and see

  • Umushingantahe nkuyo niwe yarakwiye gutwara uburundi muri bihe bigoye uburundi burimwo

  • UWO MUGABO MBONIMPA YIBAGIRA NINGOGA CANKE YIBAZA KO ABO ABWIRA ARI IBIJUJU. AMAFOTO YA BANVUGINYUMVIRA YARAYAHAKANYE AKAVUGA KO UBUHINGA BWUBU ASHOBORA GUFATA IFOTO YAWE AKAGUSHIRA MUGICU MUKIRERE KANDI UTIGEZE UGURUKA. UBU NAWE AZANYE AMAFOTO ATANUWUYABONA UKWO AMEZE ATARI ABAMENYESHAMAKURU, NGO NIVYO VYABONA AFISE. BIRATWENGEJE KANDI BITEYE AGAHINDA. MBEGA UWO MUNTU AFOTORA ABA ROBELLE BAFISE INKOHO ATARI MURI BO ABA YAKORESHEJE SATELLITE???? IKINDI NACO ABO BANTU BIYITA ABA KONGOMAN BIRAGARAGARA KO ARI ABANTU BATAMIKA AMAJAMBO BAVUGA KUKO NTAKUNTU UMU KONGOMAN ARI MURI CONGO AZI UMUNTU YITWA KAZUNGU. N’ABARUNDI BARI I BUJUMBURA NI BAKE BAMUZI ISURA URETSE KUMBURE KWIZINA. IKINDI KANDI ABA CONGOMAN BARAZI KUMENYA IMBONERAKURE UKO ZIMEZE, KUMBURE ZIFISE IBARA MU RUHANGA. BARATUBWIRA NATWE ICO KIMENYETSO NITWAHURA NABO TUZE TUBAMENYE......!!!!!! ?????? LE TEMPS DES MENSONGES EST REVOLU

  • Abarundi mutikuyeho uwo musazi Mbonimpa muzoba mumbwira. U Burundi ko bwatewe incoro nyinshi uwo muhirimbiri yigeze avuga nabi abatera kiretse kwirigwa ararogota atuka ubutegetsi. Mbe ntarigera yegera Twagiramungu ngo amubwire inyungu y’ubujuju? Muzoguma mumwirerako ngo mutinya amakundu ico azobazanira muzakibona.

  • jw ndakeneye kumenya abantu badika intererano canke nishavu bashirako gusa ubu ndabasaba kwadika ivyo dufasha kuri jw rero intererano yanje nibatohoze barabe ko ayo ma photo ari yukuri hama basaze ari yukuri babarondere batohoze bafatwe bavuge igituma biga kurasa ico bagamije muzoba mukoze

  • abarundi je sinumva ukuntu tumeze?ko batangura kumugwany nukuri kutaraja ahabona?j ndibazak uwo mutama ari mubaknda igihugu nabaco,kubwivy bari kumureka akabigaragaz reta nay ikaboneraho akary kokwitohoreza kgira irinde igihugu cacu imanga nkiyo.nibazek abo bose bamugwany nabo babizi kwikintu ahubwo nabo bogenda gufasha reta bakayereka ukuri kwabo nico babiziko

  • murakoze kumpa ijambo mukirundi bavuga ngo nuwazitse inabukwe murugarama yaramenyekanye mbega nkurunziza igisirikare cuburundi yagihinduye ikiroberi mbega ayomafranga yigihugu yonona aha izombonerakure kandi inzara mugihugu yishe abantu nikubera iki banapfume aja kuri rtnb atumbwire ko muburundi hari ibisirikare bibiri tubimenye burya okomwishamba ntikamuvamwo sha ivyoyirirwa aravugango mutama rwasa agathon ategura gusubira mwishamba kandi nyene atagisirikare twumva afitiye i kongo vyobite ariko nkurunzizawewe azayaratanguye guforoma none hagati yiwe na mutama rwasa agatho ninde azohava asubira mwishamba kurya imisiba oho deja ni nkurunziza mbegayakorare yiwe yabaririmvyi irihehe amaraso yamubanye menshi yabeneburundi aguma asesa nivyimana yaciye aheba akwiriye kumenyako adasumba kadafi canke osama canke sadam. ndabashimiye mwebwe mwese mwanteze abiri kandi dukwiriye kumenya ko igihugu cacu ubu kiriko gitwarwa nabanyamahanga muzerero twese duhagurukire rimwe muri 2015 tugihe umwenegihugu yaje ava kumana nyaguhezagirwa agatho rwasa kukoniwe afise isezerano murakoze.

  • Je sinumva ingorane abantu dufise.tureke ikinyoma ciganze abazi ukuri ntibakuvuge?murabe ivyiyumviro bamwe bandika ngaho.ntagushigikirana mu makosa umuhutu,umututsi,umutwa akoze ikosa aje imbere yubutungane.ivyo twanegura intwaro z,abatutsi ubu nivyo turimwo har,abahutu bavuga ko ubu botuma baja mu migambwe y,abatutsi.

  • mutama Claver Komera ibisigaye izobikora

  • Mbega uwo tresor yigize igitangaza nashaka nkubaze buriya bahamagaye abakundigihugu wozana opposition? REKA TUBITE ABAKUNZI BINDA GUSA BAKUMBUYE KUBA BARARYANISHA ABANTU. MBONIMPA NAWE NAKUMBURE YIBUKE AKAHITIYE HANYUMA UBWENGE BUGARUKE.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.