IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Birashoboka ko umushingwamanza ahagarika gukorana n’uwamwituye

Birashoboka ko umushingwamanza ahagarika gukorana n’uwamwituye

jeudi 3 Mukakaro 2014

Umushingwamanza arashobora guhagarika gukorana n’umukiriya wiwe, nk’uko uwo mukiriya nawe ashobora guhagarika mu gihe yabonye ko uwo mushingwamanza wiwe atariko akora neza nk’uko yabishaka.

Muri kino gihe hari abidoga ko bagiranye amasezerano n’umushingwamanza (avocat) kanaka ariko mu nyuma akihindukiza mw’ijambo. Mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru IGIHE kuri uno wa kane igenekerezo rya 3 Mukakaro, umushingwamanza Janvier Bigirimana asanzwe akora uwo mwuga, aremeza ko bishoboka ko umushingwamanza runaka ashobora guhagarika gukorana n’uwamwituye (client), ariko bivuye ku mvo zihambaye. Aha umushingwamanza Janvier Bigirimana atanga akarorero nk’igihe umukiriya aba yabeshe. Atabwije ukuri umushingwamanza wiwe birashoboka ko bahagarika gukorana. Umushingwamanza Janvier Bigirimana ati : "Kurya umukiriya kanaka ashobora guhagarika gukorana n’umushingwamanza wiwe mu gihe abona ko ariko akora nabi, n’umushingwamanza nawe niko kw’uko arafise uburenganzira bwo guhagarika amasezerano."

Hari kandi n’abashingwamanza baheba abakiriya babo ubera ko bapfumbatishijwe, na cane cane aho bikunda kwibonekeza ni ku bantu bato bato baba bariko baburana n’ibihangange runaka canke amashirahamwe akomakomeye. Umushingwamanza Janvier Bigirimana aranegura iyo nyifato ariko akavuga ko ahanini biva ku kutamenya hamwe n’ubukene budasanzwe bwugarije abanyagihugu. Ariko n’ubwo biri uko, umushingwamanza Janvier Bigirimana ahimriza umuntu wese afise ingorane mu butungane kwitura abashingwamanza canke amashirahamwe asanzwe aburanira abantu bafise ivyo bagirizwa mu butungane, kuko uruhara rw’umushingwamanza ari ntangere mu butungane.

Tubibutse ko umushingwamanza akazi kiwe ari ako gutanga impanuro n’intumbero (conseils et orientations), akongera agafasha umukiriya wiwe yaba kumuherekeza no kuburana imbere ya sentare. Umushingwamanza ni umuntu yunganira ubutungane kugira bushobore gusoma no gukurikiza amategeko neza. Ubukurikira tukaba tuzobaronderera urunani rw’abashingwamanza mu Burundi kugira tumenye ico amategeko avuga hamwe n’inkurikizi zishobora kuba mu gihe umushingwamanza n’umukiriya wiwe bahagritse amasezerano baba bagiranye.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.