IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Birukanywe mu gihe ibiganiro n’umuhuza bitari bwahere

Birukanywe mu gihe ibiganiro n’umuhuza bitari bwahere

mercredi 24 Mukakaro 2013

Mu gihe umushikiranganji w’inyigisho za Kaminuza n’ubushakashatsi Yozefu Butore yaraye afashe ingingo yo kwirukana burundu muri kaminuza y’Uburundi abanyeshure batanu, na 16 birukanywe umwaka umwe mu nyigisho za kaminuza, abo banyeshure rero bavuga ko batangazwa n’iyo ngingo mu gihe bari bamaze gutangura ibiganiro mu biro vy’umuhuza.

Ku bijanye n’akajagari bagirijwe ko boba aribo bagateye mu gihe bari muri yegereyegere, bavuga ko ahubwo ivyononekaye vyobazwa igipolisi n’abagihamagaye, kuko bo bavuga ko igihe bariko barasaba agafashanyo kabo, bagasaba mu mahoro n’umutekano, ariko abapolisi bakabateramwo ivyuka bikoroza amosozi, ivyononekaye rero vyoba vyahuye n’isanganya mu gihe bariko barahunga.

Akajagari rero abo banyeshure bavuga ko kama kari muri kaminuza, bavuga ko katava ku gafashanyo kama gateba, kakaza ari ukwo babanje kuja mw’ibarabara, ahubwo ko biva no kuburongozi bubi. Batanga uburorero bw’abanyeshure biciwe aho muri kaminuza mu gihe igipolisi cari kije gusaka ibirwanisho mu mwakaw’2011, bakavuga imiriyoni zibwe n’abamwe mu banyeshure babaserukira. Bavuga ko ivyo vyose amatohoza atigera agira ico ashitseko ngo ukuri kuje ahabona. Abo banyeshure rero barizeye ko ibiganiro bizobandanya naho mu bari bagize umurwi batanu, batatu aribo birukanywe burundu. Naho biri ukwo, baracizeye urwego rw’umuhuza ko ruzobatunganiriza.

Twobamenyesha ko abanyeshure batirukanywe bo mu myaka ya kabiri barahira bakarengwa ko batarota basubira mw’ishure ikibazo c’abirukanywe kidatorewe umuti. Muri abo birukanywe rero hakaba harimwo umwe mu barongoye abanyeshure biga mu buhinga bushasha BMD. Bose hamwe ni 21 birukanywe, abahungu ni 20 n’umwigeme umwe.

Abo banyeshure bakaba barangije basaba Leta ko yokurikiranira hagufi ikibazo c’abanyeshure biga muri kaminuza y’Uburundi kuko hari abikika inyuma y’ imvo za politike mu gutoteza abandi, ko kandi hari abamaze iminsi batera ubwoba abandi bakoresheje ubutumwa bugufi buca kuri terefone, ndetse hakaba ngo hoba hari n’izindi ntonde zoba ziriko zirategurwa na bamwe mu banyeshure mu ntumbero yo kuremeka inteba ishushe abandi.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.