IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > BNUB yasavye abanyeporitike ko boganira

BNUB yasavye abanyeporitike ko boganira

mercredi 12 Ntwarante 2014

Ubuserukizi bw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi (BNUB : Bureau des Nations Unis au Burundi) burarajwe ishinga n’icuka kibi ca poritike gishobora gukwegera igihugu mu ntureka nk’uko vyibonekeje mu mishamirano iheruka kubera mu Kinindo hagati y’abaporisi n’abanywanyi b’umugambwe MSD. Muri BNUB babona ko inyishu y’ukwo kutihanganirana muri poritike ari uko abanyeporitike boja hamwe bakaganira kuvyo badahurizako.

Mw’itangazo ubuserukizi bw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU basohoye, bamenyesheje ko umwanya Uburundi bwarimwo atari uwo gucanamwo, ahubwo ko abarundi bari bakwiye kuja hamwe kugira bategure amatora yo mu mwaka w’2015, ari nayo abaye meza atsimbataza intwaro rusangi n’amahoro. Kugira iyo ntwambwe ishikweko, ikiyago canke ibiganiro hagati y’abo vyega bose birakenewe, ari navyo bifasha kwubakira ku vyiyumviro vya bose mu ntwaro rusangi. Kubw’ivyo rero, BNUB yibutsa abanyeporitike ivyo biyemeje mu rupapuro rw’inzira, muri Ntwarante umwaka w’2013, aho biyemeje kwirinda gukoresha inguvu, ahubwo bakumvikana ko bazokwama baja inama ku bibazo bizoba bibahanze.

Iryo tangazo rya BNUB rimenyesha ko hari hageze ko abanyeporitike batahura ko ibiganiro vyubaka, kandi vy’ukuri arivyo bizotuma ihumure rigaruka mu gihugu, abanyamitahe nabo bakaba ariho bazoshobora guhurumbira kuzana ibikorwa vyabo mu Burundi, iterambere riheze rirame.


Egide Nduwimana

Messages

  • mubihugu vyateye imbere hagize n.umunyagihugu n,umwe akomereka canke akabura ubuzima umukuru wigihugu arahumuriza abanyagihugu ariko hiyo mu burundi umengo president wacu ibiriko biba mugihugu ntavyo abona canke umengo ntaco bimubwiye turasavye umukuru w,igihugu nyenicubahiro araber ibiriko biraba m,uburundi hama atange umuco canke agire ico ashikiriza abanyagihugu buburundi murakoze

  • Nibazako kuganira bidakenewe niba ivyavuye mubiganiro vya bose bitokurikizwa nka bimwe vyo mukayanza,kigobe n’ahandi!!Vyopfuma batirirwa barata umwanya Adolphe akica ukw’ashoboye hama hakazobahoabasigaye kuko ari nayo ntumbero ya KANYESHAMBA DD yahisemwo gufata kuri bene Burundi batavuga rumwe!!

  • Ewe karori uracasaba uracariko ubwoharuwobewe yuko ibivyose birikuba katariwe atangamategeko?baramuvumbuye ibivyose nukubwamatora yavuze kwarigukurikintucose cozakimubuza kwitoza muri2015 nivyabangombwa na maraso aseseke none ntimubibona?nabibonye kuri www.image.com ibivyose wibaza kwatabizi?ntabwenge mumusumvya nukunikumutwe akigira nkuwutabona

  • uwomugabo petero narangize mandat yiwe agende niwarikatuma ibivyose biba,ivyatakoze murinyakatwaye ntahendabarundi bizokorabandi igihugu sitoryo yarazwe nase nagende

  • Jewe nifuriza Uburundi nabarudi ko bojambere. Intambara hose yama itanguzwa nuko amareta yankira iyindi migambwe ko ikorere kumugaragaro. BNUB iriko irahanura,USA yarahanuye,le29/03/14 hazoba imyiyerekano i washington DC bereke amakungu koubutegetse bwa Peter buzingamitse democratie.

  • Erega umukuru wigihugu siwe atwara hatwara abajenero none karibo bafata ijambo.Ubu wombwirako ibiba atabibona??igihe yari muri rirare yavuzeko uwuzocokoza inzego zumutekano azorwa yubamye,woba urise barundi ukavuga nkuko??kimwe gusa abategetsibenshi bari bameze nkawe iherezo ryabo ryabaye ribi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.