IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Bubanza : Abamenyeshamakuru babiri batumweko mu butungane

Bubanza : Abamenyeshamakuru babiri batumweko mu butungane

mercredi 4 Ruheshi 2014

Abamenyeshamakuru babiri b’insamirizi z’abigenga Bonesha FM na RPA barungikiwe umutahe wo gusubira kwitaba ubutungane. Alexis NKESHIMANA wa Radio Bonesha FM na Eloge NIYONZIMA wa RPA bompi bakorera i Bubanza baronkejwe umutahe wo kwitaba kuri uwu wa kane.

Ku mutahe abo bamenyeshamakuru babiri barungikiwe kuri uwu wa gatatu, handitsweko bitwariwe n’umugambwe CNDD FDD mu ntara ya Bubanza, hamwe n’abaserukira abandandaza, bakaba kandi bitwariwe n’umunyagihugu yitwa Nephtali NIYONGABO.

Kuri uwo mutahe barungikiwe, ico bagirizwa ntikiramenyekana neza, bakaba bazokwitaba kuri uwu wa kane igenekerezo rya 5 Ruheshi muri sentare nkuru y’i Bubanza.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.