IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Bubanza : Urubanza rw’abamenyeshamakuru ba RPA na Bonesha FM ruri mu (...)

Bubanza : Urubanza rw’abamenyeshamakuru ba RPA na Bonesha FM ruri mu mwiherero

mardi 8 Mukakaro 2014

Abamenyeshamakuru babiri Eloge Niyonzima wa RPA hamwe na Alexis Nkeshimana w’insamirizi Bonesha FM, bararengutse muri sentare nkuru ya Bubanza, urubanza rwabo ruca rushirwa mu mwiherero.

Abo banyeshamakuru bakaba babajijwe ku vyerekeye amakuru batanze avuga ibirwanisho vyoba vyariko biratangwa aho mu ntara ya Bubanza, ku rwaruka rw’Imbonerakure za CNDD-FDD. Eloge Niyonzima muri iyo ntahe y’icese yo kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 7 Mukakaro, yasavye ko umukuru w’iyo ntahe y’icese ko atoja muri urwo rubanza ,uwo mumenyeshamakuru Eloge Niyonzima akaba yasigura ko yasavye ivyo, kubera ko ari nawe mucamanza yari ashashe mu rubanza yariko aburana n’imbonerakure zari zamukubise, zikamusiga ari intere. Urubanza gushika n’ino saha nk’uko Eloge Niyonzima abimenyesha rwaranzwemwo utunenge tutari duke. Kuri uno wa mbere urwo rubanza rukaba rwaciye rushirwa mu mwiherero.

Tubibutse ko abo bamenyeshamakuru uko ari babiri bitwariwe n’uwurongoye umugambwe uri ku butegetsi CNDD- FDD muri ntara ya Bubanza, abagiriza kuba baramwambitse ibara muvyo bashikirije ku vyerekeye ibivugwa ko Imbonerakure z’i Bubanza zoba zarahawe ibirwanisho. Bitwariwe kandi n’uwitwa Nephtali Niyongabo, asanzwe afise inzu y’ihoteri co kimwe n’uwuseerukira abadandaza i Bubanza. Icaha bagirizwa akaba ari uguhangabanya umutekano.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.