IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Bujumbura : Abanyeshure biga muri kaminuza za Reta barahiye kuja mu (...)

Bujumbura : Abanyeshure biga muri kaminuza za Reta barahiye kuja mu mashure

mercredi 12 Ntwarante 2014

Abanyeshure biga muri za kaminuza za Reta ntibariko bariga, imvo bakavuga ko ari ingingo nshasha yo mu bushikiranganji bw’inyigisho za kaminuza ivuga ko, abanyeshure bamwe bazoronswa agafashanyo abandi ntibakaronswe, mu gihe bazoba biga mu mw’ishure imwe bivanye n’amanota baronse mu kibazo ca Reta.

Muri za kaminuza twashoboye kugendera, yaba kaminuza y’Uburundi, ishure kaminuza nderabigisha ENS canke kaminuza y’abaganga INSP, hose ntibariko bariga, amashure akaba yari yugajwe ingufuri. Abanyeshure wababona bamwe bari mu turwi turwi, abandi ugasanga bariko baravugana ibijanye n’iyo ngingo ya Reta, aho abo banyeshure bavuga ko iyo ingingo ije ishaka gukura ako gafashanyo bukebuke.

Muri kaminuza y’Uburundi, mu bigo vyo ku Mutanga, ntaruja n’uruza rwaboneka, bikavugwa ko abanyeshure bari mu mu vyumba bariko barategura ibibazo vy’ugusubiramwo, abandi nabo bakaba bari bamaze gusohoka, mu gihe gushika igihe c’isaha zine, abandi bari bakiriko baranywa icayi. Aho basomera ibitabu honyene, niho hakoze, abariko barandika ibitabu vyo guheza amashure, yaba abo mu mashure y’abigenga, n’ayandi ya Reta, bari muri iyo nyubakwa, ariko bakaba batari benshi ugereranije n’abahora bahaza nk’uko twabibwiwe n’umuyobozi w’iyo nyubakwa basomeramwo ibitabu, muri kaminuza y’Uburundi.

Muri kaminuza y’inderabigisha ENS naho vyari nk’uko. Abanyeshure bari bagandagaje munsi y’ibiti vy’ivyamwa, n’ayo abandi bari mu turwi. Amashure yagaragara, uruja n’uruza mw’ibarabara ryitiriwe uwa 28 akaba ari rwo rwari rwibonekeza ku bwinshi. Abo banyeshure rero, bakaba basaba ko Reta yosubiramwo ibijanye n’ako gafashanyo, ahandi ho batageza gusubira mu mashure.

Tukabamenyesha ko inama ari urutavanako kuri ico kibazo c’abanyeshure bo muri za kaminuza. Inyuma y’iyabaye ku munsi w’ejo hagati y’umushikiranganji Butore Yozefu n’abaserukira abandi mu banyeshure n’aho atakinini cavuyemwo, uyu munsi naho hari iyindi muri kaminuza y’Uburundi, hagati y’umuyobozi n’abarongoye abandi mu mashure, nayo muri kaminuza ENS, hakaba hari akanama k’abarongoye abandi mu mashure, gusa co kimwe no mw’ishure ry’abaganga INSP.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.