IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Bujumbura:Concours National yakozwe nabi nabi

Bujumbura:Concours National yakozwe nabi nabi

jeudi 7 Rusama 2015

Ikibazo gitanga uburenganzira bwo kwinjira mu mashuri yisumbuye cakozwe nabi nabi mu gisagara ca Bujumbura.

N’uko vyari vyamenyeshejwe n’umushikiranganji w’amashuri y’intango n’ayisumbuye kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 6 Rusama, ikibazo concours national cakozwe mu gisagara ca Bujumbura, naho hamwe abariko baragikora bitaboroheye.

Ahenshi gushika igihe c’isaha zitanu n’igice ntibari bwatangure, ahandi naho bagomvye kugikora, abari mu myiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza baciye babasohora.

Kw’ishuri rikuru riri muri Komine ya Rohero, ku banyeshuri 600 vyari vyitezwe ko bakora, abatarenga 300 nibo bitavye. Muri komine ya Musaga hoho ntibahakoreye kuko vyabonetse ko umutekano wabo utari ushemeye.

Mu gihe nk’isaha zitanu n’iminota 20 ahari hategekanijwe gukorerwa ico kibazo mu Kibenga bari bagihamagara intonde z’abakora, muri komine ya Ngagara hoho abari baje gukora ico kibazo bari bamaze gusohorwa n’abari mu myiyerekano nico kimwe no muri komine ya Buterere.

Abavyeyi bavuga ko ico kibazo kitari gukorwa kumvo z’umutekano muke,aho cakozwe naho bakavuga ko ata cizere c’uko abana bazogitora kuko bagikoze mu bihe bibi.

Mu buyobozi bw’indero mu gisagara ca Bujumbura bavuga ko aho batakoze kubera imvo z’umutekano bazokoresha ikindi kibazo umutekano ugarutse.

Mwomenya ko mu gihugu hagati hoho ikibazo concours national cakozwe hose ata ngorane.

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.