IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Bujumbura : Imvura ntiyasibije urugendo rw’abasaba irekurwa rya Bob (...)

Bujumbura : Imvura ntiyasibije urugendo rw’abasaba irekurwa rya Bob Rugurika

mardi 17 Ruhuhuma 2015, par Egide N

Amashirahamwe y’abamenyeshamakuru hamwe n’amashirahamwe y’abadaharanira ivyicaro vya poritike yagize urugendo ku ncuro ya gatatu, nk’uko vyama ku minsi ya kabiri yitiriwe iy’urwatsi rubisi (Mardi Vert), urwo rugendo rukaba rwabashikanye ku ngoro y’ubutungane. Naho imvura yazindutse ari nyinshi mu gisagara ca Bujumbura, akamo kitabwe ukuri kwamye, ubutumwa bukaba ari bwa bundi nyene : Gusaba irekurwa rya Bob Rugurika, umumenyeshamakuru akaba n’umuyobozi wa RPA.

Bob Rugurika yumvirijwe kuri uwu wa mbere na sentare isubiramwo imanza yo mu gisagara ca Bujumbura, akaba yumviririjwe mu ntara ya Muramvya aho asanzwe apfungiwe.
Ababuranira umuyobozi wa RPA, bakavuga ko bizeye ko mu masaha 48 bahariye kuva kuri uwu wa mbere, bahava baronka inkuru nziza y’irekurwa rya Bob Rugurika, baravye uko bishuye ku bibazo vyagiye bibazwa na sentare isubiramwo imanza yo mu gisagara ca Bujumbura.

Tubibutse ko muvyasabwe kugira ahabwe umwidegemvyo w’agateganyo, Bob Rugurika yabwiwe ko yozana umunyagihugu yiyemerera ko ari mu bagandaguye ababikira batatu b’abatariyanokazi. Bob Rugurika yasabwe kandi n’ingwati y’amafaranga imiriyoni mirongo ibiri z’amafaranga y’amarundi. Bitegekanijwe ko kuri uwu wa gatanu, imbere y’isaha zitandatu z’umurango, ariho sentare isubiramwo imanza izosohora ingingo y’ukumenya namba Bob Rugurika ahawe umwidegemvyo vy’agatekanyo, canke ko agiye kubandanya aburana ari mw’ibohero.

Amafoto y’abari mu rugendo naho imvura itaborohereje


Egide Nduwimana

Messages

  • VIVE M26 TURABAKEJE KUMWETE MUFISE; ARIKO KANDI TWITEZE ICO MUZOSHIKAKO HIHIHIHIIIIIIIIIIII RETA NFATAKIBANZA NIYO MWIFUZA MUFASHIJWE NABABASHINGAMATEKA BIBULAYA??? GERAGEZA

  • MBEGA SEREJIYO NIBIZI KO NTAMUBONAMWO; MWOTUBWIRA AMAKURU YIWE AHO AGEZE.

  • muri inkehwa basi nimba mungana ukwo; nicogituma ivyo muvuga abarundi batabatega ugutwi.

  • Amakuru mfise kandi yo kwizerwa n’uko Serges Nibizi yamaze kuronka akazi!! Ubu akora muri Documentation, ari bu bajejwe igendereza ryo hagati mu gihugu. Ahi rero nshatse kwishura n’umuco mwinshi uwari yabajije yiyita Ruvakuki. Ivyo mvuze ndabifitiye ivyemeza, umuhinga nampinyuze twumve. Kandi harya yiyandikisha amakete ngo atanze imihoho, muri RPA bari bamaze kumubwira ko bamwirukanye. Amakuru dufise twari tumaranye amezi menshi, n’uko Serges Nibizi yari yaramaze kugurwa n’aba DD, gusa muri RPA hari hasigaye ko baronka ivyemeza. Ntimusubire rero kwitiranya ibintu n’ibindi

  • Igihugu ntigitangwa kiragwanigwa tarataza rero ariko vyiza vyobashikana kukintu twese tukabemera nuko mwoja kwitega imvura mukibira mukazoza mugisagara munyuma. Wama harya nakarimi karakarishe gusumba urwembe komeza intambara yakarimi hama murondere micro na caméra zitera amabombe.

  • Uragahura ninkuba wa muntu wiyise sihondi Imana ya ba DD IRASANZWE NAYO AYO UVUGA UWOHARAHO ARAKUBONA MUMUTIMA SHA mumenye ko amaraso y Ababikira azobakora hama uwo mu DD Serge Nibizi je nari narasavye Imana rugira vyose yomoke atuvire kwi Radio kuko yakora uko asa muga arabesha ntazosubire kuduga kwitongo aho hejuru aho avuka araguma aho mu gisagara kuko ababanyi biwe twakuranye nawe tuzomwakiriza yompi numuhoro .............

  • Heeeeee, Documentation niko imeze itegerezwa kumenya ibifundikanywa kugwego rw’igihugu cose, harya mwari muzi rero ngomuri RPA mufise amabanga abandi batazi, ntacomvuze nabo ubona bambaye vert uyu munsi nokubwira abashika babiri bakorera iperereza, vyaracanganye sinkabimwe vyakera, aha umwe wese agwana arondera inda yiwe kandi ntawakoranye na DD yidoga, uzorabe abajeunes bose bafise ubuzima babatutsi canke abahutu niDD gusa, nayo abandi nukwambara amakaruvati nakanyaro kenshi kenshi bakengera abantu ngo nibagakuru kabintu uburundi nibo bwogako. nabado rindira ejo bundi mars umukenyuro wa DD muzowubona, nikuruyeri kugwenge gusa nukwitonda kwinshi abobose uzobona bazakubwinshi nuko nyene atangwiza murongo tugikenye kuko turikwije.

  • NDAKEJE SEREJIYO NIBIZI WE YARONSE AKAZI KISUNUNUYE KUKO UMUNTU WESE ARONDERA IGENE YOKWIYUNGUNGANYA NUKWITEZIMBERE MUVYIWE NO MUBIWE. UWUBIZI; KO USHAVUJWE NUKO SERGE YARONSE AKAZI AHO AZOHEMBWA AGASHAHARA GAFADIKA YOOOOOOOOOOO ABARUNDI TURAGOYE. NATERE IMBERE ASHIMIRE IMANA YO IMUKUYEKO KWAMA ARINDIRIYE UMUSHAHARA MUMAMAHERA YINFASHANYO; YA BABASHINGAMATEKA BA BULAYA KUGIRA AHEMBWE HAHAHAHAHAAAAA

  • UMUKURU WIGISAGARA CA BUJUMBURA SAIDI JUMA ;HAGARIKA IYO MYIYEREKANO VUBA NTUZOHAVE UGARURA IMPENE YACIYE IKIZIRIKO!! UZOSUBIRE KUYEMERERA; IGIHE BABASHINGAMATEKA BABULAYA BAJE AHA MUBURUNDI KUYIBAFASHA HIHIHIIIIIIIIII

  • JEWE ABOBAGABO; KUGIRA IVYO BAVUGA VYUMVIKANE VUBA ;BARI BAKWIYE KURAYOMAFOTO BWATWEREKA KWONGERAKO YAMVA IRI MUMINAGO YINTUMWA YA PAPA YAGANDUGURIWE I BURUNDI.

  • Abo barundi ko mbona ari isinzi!!!!!!MDR
    Nimbe arabo nyene buca bagira M26 mbona bikibagoye kweli

  • Serge ndagukeje kubona uvuye mwicokirarandi carikirongowe numuntu ashobora kuvugana numuntu akamwibwirira ko avuye kwicabantu akemera akamubikira ibanga mbere kubera amaraso arimabi yariyabonyeko ivyiwebirangiye atisinogenda ntasize irdyane mugihugu acamubwirango ababa Generals twabiteguranye nabanaba muvyukuri ntiwomusise umutima wokurwanya abicanyi nguheze ushigikire Bob nubwo wobukora umuga utakwemerera kuvugirahenjuru muvukuri ntiwokumva umuntu yivugiyeko avuyekwiva ngugende utariyakara abajejwe umutekano mbere ntaniminuta 7 yohera utarabivuga, Bob wewe icarikimuraje ishinga suwomuntu yarivuye kwica weweyishakira ko barya ba Generals barenganwa nicogituma yaretse uryamuntu wumwicanyi akigira mbere akanabimufashamwo, mberejewe nibazako kugiramufashe guhugu yabanje kumusabako ahazobarihose yemere ko ibarayakoze barifashanyije nabarya ba Generals. Kandi ukurikiranyeneza Bob arafitiye inzigo yakazikira barya ba General’s ishoborakuba atariyavuba mbere abatohoza muratohoza nimwasanga aboba Gen’s boba bajemwababandi bahoramwishamba tukiri muntambara zamacakubiri bizocabiborohera kumenyako Bob akiri muri wamurwi wabatutsi nabahutu bagumaje izigo yakazikira maze ahogukira bakavibuzimubakajibuntu ,bakikomereza gucengera mubindibintu basanaberekana kwarabantu bezagusumbabandi kumbe namabingira!.

  • Murakoze ja mubashirakoamafoto mbona harimwo abonzi kumbe na Rasta yarari mubategura M26?ndamenyemwo abatari bake.

  • ni mureke kuvuga menshi mwiyanduriza ubusa imana irahari izoca urubanza
    erega ntiyapfuye amatwi irumva kd namaso irayafise ivyo muvuga iravyumva ni vyo mukora irabibona kd ntimucimanza mwozicica nabi .Reka hariho uwudaca izangondagonde arazi aho ukuri kuri !!!!!!!!! yemwe ceceka tumurindire
    azace izibereye .

  • INO MUSI MWAJE MURI BAKE. CANKE NIKO MUNGANA!

  • @igihe murateye,isoni kubona umusiwose uheze,mutaduhaye,amakuru yariko araba muburundi

  • nuko botwugururira erepeya tukumviriza amakuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.