Accueil > Ubutunzi > Burundi : Igihugu c’ Ubudagi congereje imfashanyo
 Burundi :  Igihugu c’ Ubudagi congereje imfashanyo
  Burundi :  Igihugu c’ Ubudagi congereje imfashanyo
				
				mercredi 26 Munyonyo 2014
Igihugu c’Ubadagi congereje ibahasha ry’amafranga cahora gifashisha Uburundi, rikaba rigiye gushika imiriyoni mirongo itanu z’amanyaburaya.
Mu gihe Uburundi buriko burategura amafaranga buzokoresha mu mwaka w’2015, igihugu c’Ubudagi congereje imfahsanyo cahora gitanga kikazoshika ku mafaranga imiriyoni 50 z’amanyaburaya, bikaba vyashikirijwe n’umuyobozi w’ubudagi ajejwe akarere ko munsi ya Sahara , n’akarere ka Sahel Georg Schmidt, mu gihe yariko agendera igihugu c’ Uburundi.
Yabwiye abanditsi n’abamenyeshamakuru ko ibibazo vyose bijanye no gutegura amatora bashoboye kubiganira n’abategetsi b’ Uburundi , mbere akaba amenyesha ko igihugu ciwe kizoshigikira igihugu c’Uburundi muri ico gisata nyene co gutegura amatora.
Uwo muyobozi ajejwe akarere k’ Afrika mu gihugu c’ Ubudagi amenyesha ko n’ubwo Uburundi busa n’ubwateye imbere gato avuga ko hagikiwye gukomeza intwaro ibereye hamwe n’ukwishira no kwizana kw’amashirahamwe na kiremwa muntu, na cane cane muri kino gihe Uburundi buriko buratora amafranga buzokoresha mu mwaka w’2015.
Floxella Karire

Messages
26 Munyonyo 2014, 22:50
Iyinkuri ninziza cane,
Irarya inkuru zose kuko akanoti nikeza nibakazane ako niko dukeneye.
Uwotugendera yoba uyo, araruse ibigaba vyinshi biza ntihagire ico bisezerana.
Hama nkiyinkuru abatari bake bari bakwiye kugira icobayivuzeko kuko iraryoshe, ariko ushima ko bakunda abantu n’ imigambwe, nimpari za Politique gusumba gukunda igihugu.
Jewe ikije mu Burundi cose kiranshimisha.
28 Munyonyo 2014, 02:39, par Twaje
Nduwambere anezerezwa nicocose cinjiye mu Burundi, arikondaziko hariho abacabamera nkabapfishije.
28 Munyonyo 2014, 02:42, par Mwihangane
Turasavye abomuri SCV barondere ivyobavuga bibi kuburundi kuko turabona batagize icobakora ibihugu bitandukanye bishobora gukomeza kurungika imfashanyo murikigihugu cacu.