IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Burundi : Imiriyoni 24 zarafashwe muri kaminuza za Leta

Burundi : Imiriyoni 24 zarafashwe muri kaminuza za Leta

mardi 7 Rusama 2013

Umushikiranganji w’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi Yozefu Butore yahaye ikiganiro abanditsi n’abanyamakuru kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 7 Rusama 2013 mu ntumbero yo gushikiriza ivyaranguwe muri aya mezi atatu.

Umushikiranganji Butore yamenyesheje ko ubushikiranganji arongoye bwagaruje amafaranga y’amarundi angana imiriyoni 24 yahora ahabwa abanyeshure biga mu Burundi canke mu makungu mu mfashanyo bagenerwa na Leta.

Tubibutse ko ubwo buryo bwo guhemba abantu batakiriho canke bahevye ubuzi, eka ndetse n’abantu bahembwa imishahara ibiri, vyigeze kuba vyimonogoje mu Burundi, ariko mu nyuma Leta irabituza.

Butore yongeye aramenyesha ko iyugururwa ku mugaragaro ry’umwaka w’ishure 2012-2013 muri kaminuza y’Uburundi no muri kaminuza nderabigisha ENS, bizoba mu kwezi kwa Ruheshi 2013.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.