Accueil > Ibidukikije > Burundi : Abamenyeshamakuru y’ibidukikije bararonkejwe imfashanyo
 Burundi : Abamenyeshamakuru y’ibidukikije bararonkejwe imfashanyo
 Burundi : Abamenyeshamakuru y’ibidukikije bararonkejwe imfashanyo
				
				vendredi 10 Rusama 2013
Abamenyeshamakuru bo mu Burundi hamwe n’abo muri Afrika yo Hagati basanzwe bashikiriza ibiganiro vy’ibidukikije, bararonkejwe imfashanyo kw’igenekerezo ry’ 7 Rusama 2013.
Nk’uko umushikiranganji w’ibidukikije yabimenyesheje igihe yariko arashikiriza iyo ngabire igizwe n’imashini z’inyabwonko, ibitabu, ivyuma bifata amajwi n’ibindi, yavuze ko ivyo bikoresho bizofasha mu kurondera amakuru agezweho kandi yizewe.
Mu guheraheza, umushikiranganji Yohani Claude Nduwayo yarakeje abamenyeshamakuru bitaho ibidukikije, aca abasaba kubandanya bagira umwete mu gufasha guhimiriza abanyagihugu n’abandi mu gukingira ibidukikije.
Aristide Nizigire
