IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Bururi : Abanyeshure 76 bari birukanwe bagarutse kw’ishure

Bururi : Abanyeshure 76 bari birukanwe bagarutse kw’ishure

lundi 20 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANA

Abanyeshure bagera kuri 76 bari birukanwe burundu kuri uwu wa gatanu kw’ishure ryisumbuye rya Ruhinga, komine Mugamba, intara ya Bururi basubijwe kw’ishure. Iyo ngingo yafashwe n’umuyobozi w’indero mu ntara Bururi. Abo banyeshure bari bagirijwe ko basibanganije isanamu y’umukuru w’igihugu NKURUNZIZA.

Uwo muyobozi yasiguye ko abo banyeshure bagarukanwe kw’ishure mu ntumbero y’uko hokorwa amatohoza kugira abasibanganije isanamu y’umukuru w’igihugu bamenyekane, abe aribo bahanwa atari mu kivunga.

Firimino BUCUMU, umuyobozi w’indero mu ntara ya Bururi yasiguye ko iyo ngingo y’ukwirukana abo banyeshure yari yafashwe gihutihuti n’ubuyobozi bw’iryo shure. Uwo muyobozi amenyesha ko muri abo bose birukanwe hashobora kuba harimwo nk’umwe canke babiri bagirizwa iryo kosa, abandi bagaca barwa mu mporera. Ubwo buyobozi buvuga ko abo banyeshure bagiye kubandanya ibibazo vy’ishure barimwo, ariko n’amatohoza akaba agiye kubandanya. Firimino BUCUMI amenyesha ko ubuyobozi bw’indero i Bururi bwaravye ineza y’abana, inyuma y’amatohoza abazokwagirwa n’iryo kosa bakazohanwa ku gatwe kabo.


IGIHE

Messages

  • NIMUBAREK IVYO NIBITAZI INDERO YARAMAZ KUBAVAMWO AHOBASIGAY BUBAHUKA GUHANGARA NYENICUBAHIRO UMUKURU WIGIHUGU! EMW IBINTU VYARAYOGEY! ARIKO NIBIHANUR NTIBIZOKWAMUKO

  • Erega umuryambwa aba umwe agatukisha umuryango kuko bamwe baguye mumporero

  • Erega atari ubusazi ntawokwirukana umunyeshure ngo yononye ifoto y’umutu! Mbega abishe Ndadaye bobo ko batarafatwa? Abishe abantu isinzi bagatuma abarundi batari bake bahunga ko biraramiye ngaho atawubakomakoma nkandetswe abononye ifoto! Mbega Bibiliya zozo ko bazonona ntihagire ico Imana igira ababikoze? Mbega none ifo y’umukuru w’igihugu isigaye ifise agaciro kurusha ubuzima canke kazozo k’umunyagihugu w’umurundi? None umuntu asigaye asumbwa agaciro n’ifoto? Imana ibakure kungoma kuko mutwara abo mutababaye nakare ijambo ryayo rivuga ngo uwishira hejuru azocishwa bugufi kandi uwicisha bugufi azoshirwa hejuru. Umwami Nebukandineza yishize hejuru abona ko ari agahambaye Imana irabimuhanira, imutuma kurisha ivyatsi mw’ishamba...
    Haragezeko mumenya gutandukanya icatsi n’ururo. Erega noneho musigaye mwiha agaciro karenze ako muha Imana yabaremye!
    None iyo foto bononye ntibashe kwivugira wumva harico yari Imanze? Namba vyukuri yari ifise agaciro, nimuyibwire ivuge abayononye kandi yonyene yongere ibahane kuko ntivyoyinanira kandi ar’ikigirwamana!
    Ihane bigishoboka.
    Ndavuga simvura!

  • Nabo sibo, bicwa n’ababosha. Abana baroroshe guhenda, twese twarabaye abana turabizi. Ariko umuhanuzi mubi asa n’umurozi

  • Nibatohoz neza kugira ntihagir uhanirwa uwndi

  • ZAMURAHANA IYOMISEGA UMENGA NTIGIRINDERO ARIKOGA IVYOBINTUSIBARA ABARUNDITWITEZE INYICHU KANDINZIZA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.