IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Buterere : Imvura igwa yarahahamuye abarezi bo ku mashure

Buterere : Imvura igwa yarahahamuye abarezi bo ku mashure

samedi 22 Ruhuhuma 2014

Inyuma y’imvura yaguye igatikiza inganda n’ibintu, muri komine ya Buterere ho, abanyeshure bamaze iminsi biga nabi, bivanye n’uko amashure yasambutse ahitanywe n’imvura yaguye ku wa 9 Ruhuhuma uyu mwaka.

Nk’uko bishikirizwa na Marcelline Kamariza arongoye ishure rito rya Mitualite, avuga ko iyo mvura yahitanye ibitari bike, nk’aho akorera, aho babika amakaye y’abana, ibikoresho vy’abigisha, n’ibindi. Uyo muyobozi akabandanya avuga ko gushika n’ubu asa n’aho akorera mw’ibarabara, kuko atagira aho yicara, bivanye n’uko imvura yabomoye iryo shure. Kamariza akabandanya avuga ko gushika n’ubu atamugiraneza n’umwe arabagarukirako, mu gihe abanyeshure batagira amakaye, hamwe na uniforme.

No kw’ishure ryisumbuye rya Etoile et Unite bafise ingorane z’inyubakwa bakoreramwo. Iryo shure, imvura yabomoye inyubakwa ikoreramwo abigisha be n’iy’umuyobozi. Imashine zitanu z’inyabwonko zikaba nazo nyene zarononekaye nk’uko bivugwa na Tharcisse Habonimana, umuyobozi ajejwe indero kuri iryo shure. Avuga ko n’abana 45 batakigira ibikoresho, kuko bimwe vyatwawe n’imvura i muhira iwabo, ibindi navyo bitwarwa n’imvura yabomoye amashure.

Bose basaba abagiraneza kubagarukirako muri iyi minsi, mu gihe ndetse n’utuzu twa surwumwe tw’abana natwo nyene twononekaye kubera iyo mvura. Abo bayobozi bakaba bamenyesha ko imvura yabahahamuye, kuko iyo ikuvye gusa, baca barungika abana kugira batahe, mu gutinya ko bohura n’isanganya bari kw’ishure.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.