IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Cankuzo : Abanyeshure bane bagirizwa gusibanganya isanamu y’umukuru (...)

Cankuzo : Abanyeshure bane bagirizwa gusibanganya isanamu y’umukuru w’igihugu barekuwe

jeudi 11 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Abanyeshure bane bo kw’ishure ryisumbuye rya Cankuzo bahora bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Ruyigi barekuwe vy’agateganyo kuri uwu wa gatatu.

Abo banyeshure bahora bapfunzwe bagirizwa ugusibanganya isanamu y’umukuru w’igihugu iri mu bitabu vy’ishure bakoresha.

JPEG - 72.3 ko
Abo banyeshure barekuwe, bari kumwe na Jacques NSHIMIRIMANA (hagati), umukuru w’urunani FENADEB

Inama nshingamateka y’Uburundi yaheruka gusabira ikigongwe abanyeshure bo mu mihingo itandukanye bapfunzwe bagirizwa ugusibanganya isanamu y’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.

Abashingamateka bahurije ku kigongwe cohabwa abo banyeshure bariko barakurikiranwa n’ubutungane, abamaze guciribwa imanza bapfunzwe nabo bakarekurwa.


IGIHE

Messages

  • Nagomba nibarize gatoya niba hoba harumuntu yibuka ibihe vya bagaza na buyoya koyoba yarabonye uwucisha mukanwa izina yyabo canke ngo abavuge nabi?? Ntanumwe!!! Kwarukubatinya canke kububaha canke ngirango baraberanda imbere yimbaga yabarundi??? Iyo umwana akosheje arakosorwa nayo abobandi nabo nibabandanya nabonyene agakoni kokubakosora mwarimu aracagafise!!!

  • mbega gahutu, ku ntwaro za bagaza na buyoya, hari igitabu c’ishure wigeze usangamwo bagaza canke buyoya? erega ikosa ry’ubu ntirifise nkurunziza ubwiwe! rifise canecane barya bashizemwo ifoto y’ikigeragezo ku rwaruka rutaratandukanya icatsi n’ururo.

  • Ubwenge na incompetence nivyo biriko vyica Uburundi. Ni uwuhe mu pedagogue ashobora kujana une image y’umukuru w’igihugu mu rwaruka ngo yitege ko bose bayunamira. Bibagiye ko umukuru w’igihugu ari homme politique nawe bose ntibategerezwa ku muhurizako.

    Iyo enseignement ihindutse politique inkwirikizi ni izo.Igihugu gikeneye aba pedagogues atari aba ideologues bavanga politique n’inyigisho.

    Ku vya kuri ministre ajejwe enseignement niwe yari kuja mu gasho mu kibanza c’abana kuko yajanye politique mu mashure.

  • Pardon et courage vous qui vient de sortir d’un prison a cause d’un image que vous n’avez meme pas dessiner, mais le temps et la politique et soyez prudent car les moments sont difficile vous risquer la vie aussi, vous aurez les biens apres si vous parviendrez de mieux se comporter

  • Gahutu we uriki kugira wemeze nezako ivyo vyo gushira Nkuru mubitabo ari vyo!!!! Nubundi batamukuye muri vyo bitabu nibindi bizokorwa nta mwicanyi arekuriwe kuba incungu

  • nibagirire ikigongw abana banyu abana iminsi yos twama dukosha arik ukamucira ndende ukamukubita ngufi gerageza mubarekure muzob mukoze

  • IYOMIKOMABARIBAKWIYEKWICWA KUKOBAKENGEYUMUKURUWIGIHUGU ABATWARA NTANINDEROBAFISE.

  • Nibabarirwe bakoze ivyo batazi.

  • JE WE NUKURI ICO NOVUGA KWIZINZEGO MPUZA MAKUNGU NTIZIKENEWE KUKO TWEBWE ABARUNDI TURIMASO

  • None Abo Banyeshur Barekuwe Kubera Iki? Ndabasabe Mumbari Aho Baca Mukurusha Ayamakur Muri Memory

  • NDAHAYE MWIRI JEWE NDIVIRIYE GUSENGA NUMVA NG0 MWAKASE AMANOTA YUMWAKA 9 NU 10 NONE IHANGIRO NIRIHE MWAFATIYE KURANGAHE MWIPFUZA KO ABANYESHURE BANANIWE BAZOTAHA CANKE BABANDANYA?.

  • NAGOMBA MUNYIGISHA UKO BABIKORESHA

  • Reka ncutiyanje kwitiranyibintu bagaza na Buyoya ntibarikuja mubitabo kuko ntiryarishaka ryabanyagihugu beshi.ntimuzi ko aribobishira kuntwaro nkabaniyombari? Abo harikibanza bafise mubitabo vyabanyeshure? Ikindi munibuke konkurunziza arinamwarimu.akaba namuhuza akabayanatowe nabavyeyi babana.nawe Ati twongeye gutangaza kobagiye kwiga kubuntu!! OK Buyoya niyombari na Gaston (mutama bagazawe ntagihari) nibaba batowe nabanyagihugu nabobazobandike mubitabo vyabanyeshure.

  • MWAGIZENEZAKUBAREKURA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.