IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Cankuzo : Abanyeshure bohabwa inyigisho zijanye n’irondoka rijanye n’amagara (...)

Cankuzo : Abanyeshure bohabwa inyigisho zijanye n’irondoka rijanye n’amagara meza

lundi 2 Ruheshi 2014

Abayobozi b’amashure mu ntara ya Cankuzo bahamagarirwa kujijura abana barongoye, mu kubaronsa inyigisho zinjanye n’irondoka rijanye n’amagara meza.

Izo nyigisho rero zikaba zohabwa abigeme n’abahungu bose yaba abiga mu mashure yisumbuye canke matomato, mu ntumbero yo kubakingira inda z’ishushu zidasiba kwibonekeza mu bana bakiri bato muri iyo ntara, nk’uko bivugwa n’umuyobozi w’amashure mu ntara ya Cankuzo. Ivyo uwo muyobozi akaba yabivuze mu nama yari yatumiwemwo y’urunani rw’amashirahamwe y’urwaruka CPAJ(Collectif pour la promotion des associations des jeunes).

Mwomenya ko inyigisho nkizo zikenewe kuko abigeme batari bake yaba abo mu gisagara ca Bujumbura canke mu ntara hagati, badasiba guheba amashure ari ukwo batwajwe inda z’ishushu. Abakunda kwagirwa gutwaza inda abanyeshure bakaba bamwe mu badandaza, abadereva b’imiduga yunguruza abantu, abajejwe umutekano, hamwe na bamwe mu barezi babo.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.