IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Charles Ndagijimana yasiguye imvo zatumye Nkurunziza yongerwa (...)

Charles Ndagijimana yasiguye imvo zatumye Nkurunziza yongerwa ikiringo

mercredi 6 Rusama 2015

Umukuru wa sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro avuga ko ibiringo bitegekanijwe n’ingingo ya 96 y’ibwirizwa nshingiro bitandukanye n’ikiringo canditswe mu ngingo ya 302.

Mu kiganiro yahaye bagenzi bacu b’iradiyo ijwi ry’Amerika, Charles Ndagijimana arongoye sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro, avuga ingingo ya 302, ari ikiringo kidasanzwe, ico kiringo gitandukanye n’ibiringo vyo mu ngingo ya 96. Avuga ko amasezerano y’ Arusha yemeza ko umukuru w’igihugu yitorerwa n’abanyagihugu, mu gihe mu mwaka w’2005 yatowe n’abashingamateka bari kumwe n’abakenguzamateka, mu mwaka w’2010, ari naho yatowe n’abanyagihugu. Ku bwa sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro, bakabona ko Petero Nkurunziza asigaje gutorwa rimwe gusa, mu matora yo mu mwaka w’2015.

Abariko biyamiriza ikiringo ca Petero Nkurunziza, bavuga ko bitabatangaje ko abari muri iyo sentare bemeza iyo ngingo, mu gihe abagize iyo sentare batewe ubwoba. Pacifique Nininahazwe, avuga ko mu gihe bigaragaye ko hakoreshejwe iterabwoba, mbere mu bagize sentare bakamena ibanga ry’urubanza rutarasohoka, ingingo z’urwo rubanza zitaba zifise agaciro.

Umukuru w’ishirahamwe FOCODE akavuga ko icegera c’umukuru w’iyo sentare Sylvere Nimpagaritse yahunze, kubera ubwoba yariko aragirwako ko ashobora kwicwa, mu gihe atoshigikira ingingo ziha uburenganzira Petero Nkurunziza ko yitoza.


IGIHE

Messages

  • Tous Burundais!Qui Sera Interpreteur De La Cour Constitutionnelle Au Moment D’incompréhension des uns et des autres?

  • Birumvikana kandi biratiniye. Ariko jewe nasemereye kuvakera kandinubunkiriko mbere nzohora aruko abovyega bicaye bagakosora iryobwirizwashingiro ryigihugu cacu cu Burundi. Naravuze nti: Wiyicariyehanze canke wigendagendera mwibarabara ucubona Ko prezida Nkurunziza yamaze ibiringo bibi vyemeweko umukuru wigihugu atwara mugihe abenegihugu bakoneje kumuhundamajwi. Ariko muvyukuri wubahutse ukavamuvyo mwibarabara ukicarakumeza ugazoma ukwibwirizwa shingiro rivuga ricarikwerekaneza Ko Nkurunziza ubuyemerewe kwitoza nkabandibarundi bakwije ibisabwa namategeko. Nuwozayigira igihangange akavugako Nkurunziza ataburenganzira afise bwokwitoza twomwita Bigirankana. Narongeye ndavuganshimitse nti nyabuneka ntimwishinge kuvuga ngo Nkurunziza nibiringo atahubwo nimukwakwanye mwicarire ibwirizwashingiro murikosore kugira ibibibaye nejontibizongere. Ndababwizukuri iyomwama mubonakure hakirikare mwarigusaba ibwirizwashingiro rigakosorwa haryanyene inyumayamatora yomuri 2010 maze mukitanganyika mumanyama mwese mukemezako uwuzobayatwaye mubihebidasanze nicogihe kizoharurwa nkuwatowe nabenegihugu, None gabavukanyi ntimworeka kwiha amenyo yabasetsi?.

  • Abafatwa Barimumyiyerekano Baca Babajanahe?

  • ICOMBONA MWOKUMVIKANA MUKIBUKAKO TWESE TURIKURUGENDO ISI ATARI IYACU UKO TWASANZ KWARIK TUZOYISIGA.

  • 2zageza ryari gukorera kugicur

  • nkurunziza nabandanye yitoze kuko sentare ibitomoye neza.hanyuma abari mumyiyerekano babihebe baje mumatora.abanyagihugu bace urubanza.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.