IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Christian Claude BUTOYI yashikanywe ku bitaro vy’abarwaye mu (...)

Christian Claude BUTOYI yashikanywe ku bitaro vy’abarwaye mu mutwe

mardi 24 Ruhuhuma 2015, par Egide N

Umunyagihugu wo muri komine Kamenge bivugwa ko arwaye mu mutwe, akaba ariwe kandi yagirizwa ubwicanyi bw’ababikira batatu b’Abatariyanokazi yashikanywe ku bitaro CNPK (Centre Neuro-Psychiatrique de Kamenge) bisanzwe bivura abafise ingwara zo mu mutwe. Ababuranira uwo munyagihugu apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba bamenyesha bafise amakenga ku nyishu z’ibipimo ivyo bitaro bizotanga.

Christian Claude Butoyi yashikanwe mu kigo kijejwe kwakira abarwaye indwara zo mu mutwe ku mugoroba wo kuri uwu wa mbere. Muri ico kigo bamenyesha ko bamwakiriye, kuko Reta, ibicishije ku mushikirizamanza akukira igisagara ca Bujumbura, yasavye ko bomugirira ibipimo vy’ukuraba namba vy’ukuri arwaye mu mutwe (expertise medicale). Uwo Christian Claude Butoyi yashizwe mu bandi kugira avugwe, baheze barabe uko arwaye, igihe vyatanguye, bikazomenyeshwa n’abazomusuzuma.

JPEG - 39.6 ko
Christian Claude BUTOYI

Muri ico kigo ntibaremeza ko Christian Claude Butoyi arwaye mu mutwe, ariko bakavuga ko bamubonye vyabonetse ko ari umuntu arwaye mu mutwe, bakavuga ko barindiriye ikizova mu bipimo bazomukorera.

Ildephonse Congera, umwe mubaburanira Christian Claude BUTOYI arashima iyo ngingo y’ukumukura mw’ibohero akajanwa kuvugwa kuko bari bagumye babisaba, ariko akamenyesha ko bagifise amakenga kuko ibipimo bivuye muri ivyo bitaro bashobora kutavyizera kubera ahandi ivyo bipimo bikorwa n’abaganga batatu.
Nk’uko bishikirizwa n’umushingwamanza Ildephonse Congera aburanira Christian Claude Butoyi, umushikirizamanza yasavye ivyo bipimo ntiyabikoze uko vyategerezwa kugenda, kuko yandikiye ibitaro, mu gihe bica ku baganga batatu.
"Yari kwandikira umuyobozi mukuru w’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu, akaba ariwe agena abaganga batatu b’abahinga b’ingwara zo mu mutwe."
Amakenga y’umushingwamanza Ildephonse Congera n’uko bikozwe n’umuganga umwe, ashobora kuzobikora mu ntumbero yo gushimisha ababimusavye.

Tubibutse ko Christian Claude Butoyi w’imyaka 33 y’amavuka ariwe yafashwe yagirizwa ko yagandaguye abanje gushurashuza ababikira batatu b’abatariyano bakorera kuri paruwasi Guido Maria CONFORTI yo muri komine Kamenge. Nk’uko mu giporisi bavuga ko nawe nawe nyene yavyiyemereye, uwo yahora apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba yoba yasiguye ko yabagandaguye abo babikira kubera yari abanyamahanga bakorera mw’itongo ry’abavyeyi biwe, ariko mu nyuma abavyeyi biwe bakaba bamenyesheje ko ata tongo bigeze bagira mu Kamenge.

Abaharanira agateka ka zina muntu, ababanyi biwe, hamwe n’abavyeyi biwe bagumye bamenyesha ko uwo Christian Claude Butoyi arwaye mu mutwe, bagasaba ko yorekurwa, abagandaguye Ababikira batatu b’Abatariyanokazi bakarondererwa ahandi.


Egide Nduwimana

Messages

  • Nubwobatobona ubwoburwagi jewe ndibuka ibikoresho bamufatanye batweretse yakoresheje mumwica, gusa ashobora kubayarishe nkumwe canke babiri abandinabo bakicwa nawamugenzi wa Bobi Rugurinka nawenyene yigamvye avugako ariwe yabishe.

  • Ww wiyita Nuwera birumvikanako munyandikozaw uri mubashigikiye NKuru canke systems,umva ndakubgire,ugenda ni kijuju ukaba nkaw,niba koko u Burundi bubandanya gutwarwa guryo birababaje gose,jabuka uje mubindi bihugu urabe uko batwaye,hama uhindukire witegereze i wacu,ncuti yanje dutwawe ni bijuju vyanyuma muri africa twaramaramaye no kwitwa abarundi batwarwa niyo mihimbiri, cndd fdd uzofutwa burundu mugihugu cacu,hanyuma Nkuru nabakoranye amabi yose bamwe ni Mpimba abandi i La haye,kandi ndakumenyesha ko hariho incabgenge nyinshi za Barundi biteguye guhindura u Burundi no kugihesha icubahiro.

  • @ Saton, jewe ntakintunakimwe bavuze kitaciye nwitangazamakuru, umva:naravuzeko uwomuhungu bamufatanye ibintu yavugako arivyoyakoresheje mukwica baryabahisi,none ivyonivyo bikwereka umuntu wikijuju Nkukowabivuze? Nasubiriye mvugako harihumugezi wa Bobi rugurinka yamwibwiriye kwariwe yishe baryabahisi ivyovyaravuzwekeshi mwitangazamakuru, nonivyo nivyobisigura umuntu wikijuju? Ikindikintu jewe ntokubesha nuko Nkurunziza ndamukunda cane kandi nigibe ataribwabe prezida naramukunda nomugihe azobatari prezida nzokomeza kumukundacane ekanukuri sinokubesha nzomukunda bimwebita ngoguzhikagupfa. Hanyumanubwo abantukamwe atarivyiza kubagoza amajambo ariko sinorangizantakubwiyeko’ nimba.uvyukuri uburundibwawe burikoburatwarwa nabantu badatomoye ngokuko abatomoye baringaho hakurya nkukowabivuze nokubwirako ushaka woburigira ahoharabatomoye kuko mumisi uzohindura uvuvengo imbogambi ntizivamunkono! Kuko iyo CNDDFDD wavuze yibijuju ivyoku akubutegetsi sivyavuba, nayowihenze ukajamuntambaraho bicabihinduka kicakiba igikorwacabose. Kwemera CNDDFDD ikabatwara nivyobizotuma binyaruka Ko abarundi bokwemera bagabindura kumbure namwe bakabatora ariko nikibazo kugira abanyagihugu bazokwemere nkogutora umuntunkawe wubahuka ukabwira umuntukanje wumunyacubahiro ngondikijuju ngokurankunda Nkurunziza, ntibizoborohera.

  • Ntankeka ababafunga christian BUTOYI agendana ingwara zo mu mutwe ngo yishe abantu nabone ntibupanze neza pe. Nubwo yari kuba yabize akabikora arwaye ntiyari kubihanirwa kuko aharurwa mu bitanzi mbe naratse ubu ababikoze bavurwa ariko ntibafatwe . Guillaume ndamuzi nezaarabimenyereye kuko yahereye kuri Jérémie n’umugore wiwe Joël yari afise inda yamahasa baba mu cibitoke mairie. Impera nimperuka azibibazwa

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.