IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Cibitoke : abanyeshure 3000 nibo bahevye kwiga

Cibitoke : abanyeshure 3000 nibo bahevye kwiga

lundi 2 Ruheshi 2014

Abana bagera ku bihumbi bitatu nibo bahevye amashure mu ntara ya Cibitoke muri uyu mwaka w’2013 ushira 2014, imvo akaba ari abaja kwima ubutare bivugwa ko bwiraye muri iyo ntara.

Mu makomine amwe amwe agize iyo ntara ya Cibitoke nka Bukinanyana, Murwi, Mabayi na Mugina abayarongoye mu gisata c’indero, baramaze gutanga ibitigiri vy’abana bahevye amashure muri uyu mwaka w’ishure uriko urarangira. Abanyeshure bamwe bamwe bagaheba kugira baje kwiyimbira ubutare, abandi nabo bakaba baheba mu gihe bataronka imfungurwa zitangwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho ivyo gufungura PAM.

Ico cegeranyo c’abanyeshure bahevye bakaja mu bindi, kikaba gisohotse inyuma y’aho abanyeshure bo mu mwaka wa gatandatu bakoreye ikibazo kibaha uburenganzia bwo kuja mu mashure yisumbhuye.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.