IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Cibitoke : Bamwe mu banywanyi ba FNL ishami rya Rwasa bataye (...)

Cibitoke : Bamwe mu banywanyi ba FNL ishami rya Rwasa bataye izabo

mercredi 28 Rusama 2014

Bamwe mu banyagihugu bo mu ntara ya Cibitoke bo mu mugambwe FNL ishami rya Agathon Rwasa baje ku maziko ya Datus Nshimirimana barahunze, kuko batinye gutabwa muri yompi nk’uko babivuga.

Inyuma yifatwa rya Edouard Ntawuzahigera agatabwa muri yompi ku mvo z’amatohoza ku rupfu rwa Datus Nshimirimana, abandi banywanyi b’umugambwe FNL batatu bakaba baciye batira agashambara barayanyaga, mu gihe bavuga ko batinye gutabwa muri yompi nka mugenzi wabo, yakuwe aho yari asanzwe arangurira imirimo yiwe, kw’ishure rya College des amis aca atabwa mu mvuto, mu gasho ka komine ya Bwiza. Bamwe mu babonye ifatwa ry’uwo munywanyi wa FNL ishami rya Agathon Rwasa, bakavuga ko abaporisi baje kumufata ata n’umutahe bari bafise.

Amakuru dukesha bagenzi bacu ba radiyo isanganiro, avuga ko umukuru w’umugambwe FNL utemewe n’ubutegetsi yemeza ko abitavye amaziko ya mugenzi wabo bose hari urutonde rwo kubahagarika. Agathon Rwasa avuga ko ariwe arongoye FNL, akavuga yuko, abariko baraburagizwa bose, ari abanse gukorera mu kwaha kw’ubutegetsi.
Mwomenya ko mu giporisi badahakana ifatwa ry’uwo munywanyi w’umugambwe FNL. Hermenegilde Harimenshi umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi agasigura ko, ari itegeko rya komiseri w’igiporisi mu gisagara ca Bujumbura, ku mvo z’amatohoza.

Twobibutsa ko Datus Nshimirimana, umunywanyi w’umugambwe FNL ishami riyobowe na Agathon Rwasa yaragandaguwe mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana, muri quartier Gisandema ya kabiri, muri komine Gihosha. Mw’ijoro ry’umunsi agandagurwa, uwo munywanyi wa FNL yabonanye na Rwasa Agathon ku rugo iwe, bakaba bavanye nk’igihe c’isaha cumi na zibiri n’iminota mirongo ine. Urupfu rwiwe rwameyekanye nk’isaha zibiri z’ijoro, bikavugwa ko yoba yanyurujwe n’abantu bamutegereye avuye aho ku rugo rwa Rwasa Agathon, bakamujana aho muri muri quartier Gisandema ya kabiri, muri komine Gihosha, ari naho yagandaguriwe n’abantu bataramenyekana, bakoresheje inkoho yo mu bwoko bwa pistolet bamurasishije mu mutwe.


Aristide Nizigire

Messages

  • mbe i burundi tuzoreka gusesa amaraso ryari?mwibuke ko isi yanse kumera ivyimburwa,ikamera amahwa n’amatovu kuva amaraso ya abeli asesetse..nukuri abicanyi mwakwegeye igihugu umuvumo.raba mwisubireko twihane ahandi ho ibara riragwa nta kabuza-

  • Ivyo vyose bigira Peter Nkurunziza ariko abikoreamenyako atazahora kubutegetsi,nayo umutama wacu Agathon Rwasa turamushigikiye aho azaza hose mbere tukaba tumwipfuriza amahigwe yokuronka amajw ashika 85% nayo mugih nkurunziza yoramuka yitoje yoronka 40%,mbega hamw cndd fdd hamweyoramuka idatowe vyoca bigenda gute?

  • Abo barabirukako ariko abavugwa ko batwinjiranye baritekerereje.nta mukunzi ku mukunzi w,inda.kahise ntaco katwigishije

  • CNDD-FDD hamwe na Jacques Bigirimana bibaza Yuko abarundi turi ibijuju? Mbe aho bafunga abanywanyi BA Rwasa Agathon ntitubona ko ariwe bashaka. Amarementanya yabo turayazi. Kimwe gusa nuko ivyo bakora vyose tubahanze amaso. Bihende gato. Ukwihangana kwacu gufise aho kugarukira. Ntibahave bibaza Yuko dushatse kwica uyo Jimmy, Jacwcanke abategetsi Baba DD tutobikora mwi seconds. Nuko twahisemwo inzira y’Amahoro nukwihanganirana. Mbe ubwo Burundi ko tuzi Yuko Ari buto haraho bosegeraniriza. Imperuka yaba DD irashitse ko batanguye gucokoza abo basaya babanye Cibitoke. Abo ntibakinishwa rindira retour yabo bahunze muzoyibona. Kimwe co nuko impfakazi n’impfuvyi zigiye kugwira. Twosaba abanye Cibitoke gufatana munda tugahabuza igihugu cacu nkuko twamye tubikora. Murazi Yuko Intwaro ya CNDD -FDD arico kimwe nizo twagwanije, Mwibuke Yuko ntaco DD yamaze mwiyo Ntara. Bishobotse muhagurukire abo bamanuka bi vyitso Bose mubatuze mwiyo Ntara. Isango murarizi.

  • Komera Mutama wacu A.Rwasa turagushigikiye100% namwe Banamarimwr mwigumye nta nda ivuka hatabaye ibise,ibi aba ba dd bagira ni sabottage nabo nyene ubwabo barabizi ko basigaje less than a year ubwo tugume dufatanye mu nda umudereva wacu A.Rwasa buca aramutswa igihugu maze amarira yose mwarize azohinduka umunezero.Viva FNL Viva!

  • Ntimuhireke iyo reta ya bamenja muzofunga abna fnnl nti muzohagarika fnnl aba fnnl turi hanze ntibeshi nti muzobamara

  • Ntimuhireke iyo reta ya bamenja muzofunga abna fnnl nti muzohagarika fnnl aba fnnl turi hanze ntibeshi nti muzobamara

  • Ntimuhireke iyo reta ya bamenja muzofunga abna fnnl nti muzohagarika fnnl aba fnnl turi hanze ntibeshi nti muzobamara

  • Ahubwo mwebwe murijujutisha bigeze hiyo ? abatazi politique nibabe bahora bareka kuvuga ivyobatazi,mbega uwomuntu yagiye kumutegera yaraziko yagiye kwa Agathon ninde kiretse Aghathon nyene?mbega abobijujutisha abantu Aghaton Rwasa yiciye kurugamba kandi benshi abahutu baciye ubwenge bari muvyegera vyiwe banganiki ?mbere ndibazako azokwama yicuza kuko yabica bariko bamuhanura ngoduhagarike intambara imbere ya CNDD_FDD agaca abica Motif aduhenda ngw’Imana yamweretseko igihugu tuzogifatisha umuheto nshatse kubadondagura ndaziko nabamwemera benshi bafisemwo nababo yamaze basangiye urugamba boca bamwanka kandi aboyishe ivyobamuhanura vyarivyo nubu habatwara FNL .jewe twarasangiye urugamba ntaciwe nakimwe ntazi mbere konagize Imana tukaba twarahagaritse intambara nkiri muzima atamponze agafuni nibamukurikire abatamuzi kubwanje anabaye numukuru w’igihugu nzoca mpunga uburundi gushika intwaro yiwe igihe izoherera.ariko ndizeye neza kwatagihugu c’uburundi azopfa atwaye zizoguma arindoto ,abamwisengera baramubarirwa barabe babaza uwariwe!!!!

  • Ahubwo mwebwe murijujutisha bigeze hiyo ? abatazi politique nibabe bahora bareka kuvuga ivyobatazi,mbega uwomuntu yagiye kumutegera yaraziko yagiye kwa Agathon ninde kiretse Aghathon nyene?mbega abobijujutisha abantu Aghaton Rwasa yiciye kurugamba kandi benshi abahutu baciye ubwenge bari muvyegera vyiwe banganiki ?mbere ndibazako azokwama yicuza kuko yabica bariko bamuhanura ngoduhagarike intambara imbere ya CNDD_FDD agaca abica Motif aduhenda ngw’Imana yamweretseko igihugu tuzogifatisha umuheto nshatse kubadondagura ndaziko nabamwemera benshi bafisemwo nababo yamaze basangiye urugamba boca bamwanka kandi aboyishe ivyobamuhanura vyarivyo nubu habatwara FNL .jewe twarasangiye urugamba ntaciwe nakimwe ntazi mbere konagize Imana tukaba twarahagaritse intambara nkiri muzima atamponze agafuni nibamukurikire abatamuzi kubwanje anabaye numukuru w’igihugu nzoca mpunga uburundi gushika intwaro yiwe igihe izoherera.ariko ndizeye neza kwatagihugu c’uburundi azopfa atwaye zizoguma arindoto ,abamwisengera baramubarirwa barabe babaza uwariwe!!!!

  • Uyumuntu yiyita Nkenshimana atuka abashikirije iciyunviro cabo akabita ibijuju ahubwo niwe ari ikijuju kwavugako ko Rwasa yise incambwenge hanyuma nawe akavugako yarumurwanyi wa FNL kuki nawe atishwe??hanyuma ngo yoca ahunga Mu Tama afashe igihugu nimba harico yiyagiriza nyene ntakibuza ko inkuba izomufata;;FNL 2015 icinzi niyawe ntabagukorereko bica;bafunga;bahohotera;vyose nubusa;

  • Uyumuntu yitwa Nkeshimana ivyavuze bishobora kubarivyo’ jewe narinarigeze kwumva abantu bavugako Rwasa Agathon ngwakirimwishamba ngogukorana nabantu bamusumvya amashure ngovyaribigoye ngwabeshi bamusumvyamashure ngoyarabishe abandi baramutoroka bigira kwa Nyangoma.Nuwomuhisi aherutsekwicwa ntawuzi uwamugambaniye, numva aba FNL beshi bamwemeracane, ngokandiburya ngoyarifise ivyakora mwi perereza ryu Burundi buryarero iperereza ryu Burundi rirahomvye bimwevyahatali. Ikindi buirashoboka akaba Rwasa ataruhara yabigizemwo ugasanga nibamwe bamazimisi bashavuzwe nuko abarikumwe na Rwasa biyankiye gukorana na ADC Ikibiri ubonako ADC yumvise umuntu wariwewese ashaka kubangamira uburundi uwo acabumugenzi wabo, nizonkotanyi bavuga ngozinjiye mu Burundi ahobazozi nyagariza muzohava musanga abataribake banyegejwe nabamwe bomuri ADC. Rekandabahe akarorero kerekana kwabobantu badakunda igihugu bita kwarirwabo: ADC numukuru wayo Leonce Ngendakumana kurementaniriza abarundi ngobagomba gukora Genocide barabibwiye ONU, ariko ivyizinkotanyi ziriko ziracengera mugihugu cacu cabo ntanumwe womuribo ahezangwavugati turiyabirije uwowese ashaka guhungabanya umutekano wabarundi mbere bakabibwira ya ONU bakuzekwitabaza. Nimureke Iigisirikare cacu kiryamire amajanja nivyakenerwa nico kizosaba ubufasha kubarundi babishoboye yaba ivyuma vyindege yaba abajerube, yaba intakangwa yaba Imbonerakure nabandibarundi ntavuze babishoboye igisirikare cacu cuburundi nico gifise ijambo babitabaje ndizeye muzobitaba batarabahamagara muzokomeza kurindira ikizira nukwiyandukiza kukobicabigorana kuba contolora. Ndakomeza gushimira abarundi bomobwokobwose bakomeje gutohoza ikintucaricocose kibateye amakenga bakakibwira ababishinzwe, ndashimiye nabamenyeshamakuru bomu burundi mwakinogihe bariko baravyitwaramwo neza kukobagabanije gutwarirahejuru, kukomumisiheze wamengo nibikozwe nabavyeyi munzu bariguca bajakubitangaza kuma radio!

  • NShakampanure abarundi gendemwigi amategeko abanyamigambwebanyu nkumuntu yinamurangonaka 2015 ngo azotwara nawe numugambwewiwe ntiwemewe imbereyamategeko bizogendagutekugira atogwe?

  • Mutama wacu komera kwibanga kandi mwirinde abobose bavuga ivyo batazi umunsi umwe bazobona ko baribarahenzwe Mutama nimwihangane kuko uwushaka kukurya ntabura imboga agukoza kandi uwugutuka ntagutorea iconzico nuko ata leta nimwe yigeze yorohereza Umugambwe FNL hamwe Nindongozi Zawo mugabo iconzico Burira ntibushika kumpeshi kandi harigihe ubutungane buzokora ukuri kuzoje ahabona Nimukomere kwibanga

  • abo bantu barota bahagaze bo naba hehe? ngo Rwasa azotsinda! nimba azoba avuye mw’ijuru!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.