IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Cibitoke:Yaciriwe umunyororo w’imyaka indwi inyuma y’ukwica umugore (...)

Cibitoke:Yaciriwe umunyororo w’imyaka indwi inyuma y’ukwica umugore wiwe

lundi 1er Ndamukiza 2013

Sentare yo mu ntara ya Cibitoke ihejeje gucira urubanza rw’umunyororo w’imyaka indwi Gad Hatungimana yagiriwe n’icaha c’ubwicanyi.
Uwo yaciriwe urwo rubanza yagandaguye umukenyezi wiwe Claudine Niyokwizera yaramaze indwi zibiri gusa yibarutse akana kiwe k’imfura. Iryo bara ryaguye mw’ijoro ryo kuwa gatandatu igenekerezo rya 26 rishira irya 27 Ntwarante ku musozi Cunyu, muri komine Buganda, intara ya Cibitoke.
Uwo mwicanyi yarasanzwe afise umuhabara kuri uwo musozi nyene wa Cunyu. Ababanyi b’uwo muryango bamenyesha ko inyanduruko ya vyose ari amafaranga ibihumbi mirongo umunani vy’amarundi(80.000Frs Bu) umuhisi yari yaronse inyuma y’aho adandarije ubududu yahawe n’abavyeyi biwe. Abo bazimyamuriro b’umuhisi Claudine Niyokwizigira babandanya bavuga ko inyuma yo kwigurira impuzu zamutwaye amafaranga ibihumbi mirongo itanu y’amarundi(50.000Frs), ayasigaye yayahaye umugabo wiwe(30.000Frs), ivyo bikaba bitabujije ko aza kumuronderako n’ayo yandi yari yaguzwe impuzu.
Nyakwigendera yaramusiguriye ko atayo afise kuko yari yamuhaye ayasigaye yose, niko guca amurengerako, amukubita imigere yo mu nda, vyunyurwa n’uko yari amaze imisi mike yibarutse, aca yitaba Imana. Tubamenyeshe ko n’ivyo bihumbi mirongo itatu yari yaronse yari ahejeje kuyarya yose mu kirabo, kuko n’ivyo vyose yabikoze ari mu kaborerwe.
Abariko baraburanira uwo yishwe bamenyesheje ko bagiye kwunguruza urwo rubanza kuko batashimishijwe n’ico gihano cahawe uwo mwicanyi. Ku bw’abo, umuntu nk’uyo akwiye igihano c’akarorero kuko aba yaratakaje umutima runtu, gutyo n’abandi bakahakura icigwa.
Mu rukurikirane rw’amabi akorwa n’abubakanye, muri iyo ntara ya Cibitoke, tubibutse ko Christine Nyambere wo muri komine Bukinanyana yaheruka guturirwa n’umugabo wiwe, inyuma yaho Lazare asutsweko amarike mu maso.
.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.