IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Claudio MARANO na Juvent NDUWIMANA bumvirijwe batari kumwe n’ababafasha (...)

Claudio MARANO na Juvent NDUWIMANA bumvirijwe batari kumwe n’ababafasha kuburana

mardi 14 Ndamukiza 2015, par Egide N

Claudio MARANO arongoye ikigo Centre Jeunes Kamenge yarumvirijwe kuri uwu wa mbere. Uwo mupatiri w’umutariyano akaba ari mubavuzwe ko bateguye ubwicanyi bwahitanye ababikira batatu b’Abatariyanokazi kuri Paruwasi Guido Maria Comforti mu Kamenge.

Icariho c’umushikirizamanza wa parake ikukira Mairie ya Bujumbura niwe yumvirije Claudio MARANO, uwo nawe akaba yavuzwe na Juvent NDUWIMANA, ko yari mu nama yo gutegura igandagurwa ry’ababikira Olga, Lucia na Bernadetta. Claudio MARANO ntiyari yaherekejwe n’uwumufasha kuburana, ahejeje kwumvirizwa akaba yaciye ataha.

JPEG - 58.2 ko
Claudio MARANO

Juvent NDUWIMANA, umukozi w’igendereza aheruka kwemera ko yakoreshejwe mu kugandagura abo babikira nawe nyene yarumvirijwe kuri uwu wa mbere nyene na Arcade NIMUBONA, umushikirizamanza wa parake ikukira Mairie ya Bujumbura. Nawe nyene ntiyari yajanye n’uwumufasha kuburana. Ahejeje kwumvirizwa, yaciye asubizwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba aho asanzwe apfungiwe kuva kuri uwu wa gatanu.

Claudio MARANO yavuzwe na Juvent NDUWIMANA, ko yari yitavye mu nama ya mbere ya bose, yo kugandagura abo babikira batatu, ikaba yabaye igenekerezo rya 6 Nyakanga 2014, mu bunywero "Iwabo w’abantu" bwa Général Adolphe Nshimirimana yahoze arongoye urwego rw’igendereza. Ariko uwo avuga ko yakoreshejwe muri ubwo bwicanyi akemeza ko Claudio Marano atamaze umwanya munini muri iyo nama. Abandi bari bayitavye akaba ari Guillaume Harushimana ajejwe ubutunzi mu kigo Centre Jeunes Kamenge, umuporisi Ayubu.


Egide Nduwimana

Messages

  • UWO MU PADIRI MURANO NI BAMUREKE WANA BARONDERERE MURI SOCIETE CIVILE.

  • ko hatumwako aboroshe kandi batagize uruhara runini ariko inkozi zibibi nyezina batigera bazivugisha ubwo butungane ni nyabaki? ni hatumweko n’abandi hama ubutungane bukore tumenye ukuri nyakwo

  • nimba uwomukozi w’IMANA Claudio MARANO yaba yaragurishije bashiki biwe bababikira azoba ari UMUHERO washitse!!! nizereko atovyubahuka naho bavugako akaguruka gasigaye karya akandi nibunvirizwe bose nabarya bavuzwe muri burya bwicanyi bose atanumwe ahishiriwe hanyuma ubutungane bukore bureke gukoreshwa maze ukuri kuje ahabona bamenyeko ababishe bose amasanamu azateba akerekanwa ubuhinga bwanone bugeze kure ubutungane buvyitondere ntibuzahave buca imanza zitabereye kuko bizateba bikaja ahabona umunsi urizina

  • ARIKO MW MURANTWEZA AHA NTIMURABONA UKURI KUNYEGEJE MURIVYO BINTU.......BA PACIFIQUE NI BABATUMEKO MURI INTERROGATOIRE KUKO IRYO NI IREMENTANYA BARIKO BAKORANA NA RPA NGO BABESHERE ABO BA GENERAUX BACU ARIKO BARYA NABAGABO!!!!!!

  • NUGUSENGIMANA NAYAHANDI IGIHUGU KIGEZE AHATEMBA

  • NUGUSENGIMANA NAYAHANDI IGIHUGU KIGEZE AHATEMBA

  • Jewe ubutungane bw’iburundi burantangaza .... Nikabuki barengutsa abagiye munama y’ubwicanyi .... abayihamagaje bakayigirisha atanumwe bahamgara , nka ba Dolufu, ba ndakugandagura , ba kazungu n’abandi .... Abo barihejuru y’amategeko ???? ....

    Hari banyagupfa na banyagukira ??? I vyarivyo vyose amategeko yi Burundi twese turazi kuyasoma .... twategerezwa kungana imbere yamategeko.....

  • We bizohinyuka ba mugenda buke-buke kuko ubutungane buriko bukora akazi kabwo reka rero gushirisoni

  • Iyi ntwaro niyakazoreza pe!!! None hariho banyagupfa na banyagukira??canke kuva mwakagenda mwarigeze mubona aho ama prison afungirwamwo imvugakuri abicanyi bariko bidegevya?? Munyishure.reka turabe ko ikinyoma ko kizomara umwaka nicamara umwaka abakurambere bazoba baraduhenze, ariko uwigira igihangange mukugoreka imanza agiye guhura numuyobozi wibihangange(DIEU,GOD,IMANA,LESA,MURUNGU,UWITEKA,MUNGU,JEHOVA).

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.