IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > CONAPES yahagaritse ingingo yo kudatanga amanota y’igice ca mbere

CONAPES yahagaritse ingingo yo kudatanga amanota y’igice ca mbere

samedi 14 Kigarama 2013

Sendika CONAPES ihurikiyemwo abigisha bo mu mashure yisumbuye yabangiriye kuvyo yari yashikirije ko itazotanga amanota y’igice ca mbere c’uwu mwaka w’2013.Hari haheze hafi indwi zibiri sendika CONAPES ihurikiyemwo abigisha bo mu mashure yisumbuye bagabishije Reta ko batazotanga amanota y’igice ca mbere c’uwu mwaka turimwo, mu gihe mu nteguro y’amafaranga Reta izokoresha mu mwaka w’2014 hatoshirwamwo amafaranga azokoreshwa mu gukuraho ubusumbasumbane bw’imishahara y’abigisha bo mu mashure yisumbuye.

Muri kiganiro Sendika CONAPES yari yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kuwa 3 Kigarama 2013, yari yibukije ko Reta y’Uburundi yari yatumyeko abahinga biga ikibazo c’ubusumbasumbane bw’imishahara mu bigisha bo mu mashure yisumbuye mu Burundi. Abo bahinga barashikirije icegeranyo Reta, ariko muri sendika CONAPES bagatangazwa n’ingene atakiriko kirakorwa kugira ubwo busumbasumbane buri mu mishahara y’abigisha buvanweho. Emmanuel Mashandari arongoye sendika CONAPES ico gihe yamenyesheje ko kuva mu mwaka w’2009, Reta y’Uburundi yari yiyemeje guhagurukira ico kibazo, ariko akababazwa n’ingene gushika uwu mwaka atakirakorwa.

JPEG - 110.1 ko
Emmanuel Mashandari, arongoye sendika CONAPES

Nk’uko bishikirizwa na Emmanuel Mashandari, iyo ngingo yo guheba kudatanga amanota rero yo mu gice ca mbere bakaba bayifashe mu nyuma y’imibonano itandukanye bamaze iminsi bagiriranirana n’abategetsi ku vyerekeye ubwo busumbasumbane bw’imishahara.


Floxella Karire

Messages

  • IKIBAZO UWOBISHOBORA YOMBARIZA CANKE AKACISHURA!IYO MIBONANO HAVUYEMWO IKI?RETA YAREMEYE GUKURAHO UBWO BUSUMBASUMBANE BWIMISHAHARA?CANKE EMMANUEL YARIYE RUSWA NKUKO BAVYIBAZA?

  • NIBATOMORE IVYAVUYE MUMIBONANO!

  • Ukwo biri kwose abisgisha bari bakwiye kugarukirwa. Ariko ubwinshi bwabo nabwo nibwo butuma ivyabo biguma bigoye. None ayo ma miriyaridi akenewe kugira barenganurwe azova hehe ko mbona mu nteguro y’itegeko rigenga amafaranga leta izokoresha muri 2014 atayarimwo?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.