IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > COSYBU igiye kwitwarira Reta y’Uburundi

COSYBU igiye kwitwarira Reta y’Uburundi

jeudi 29 Nzero 2015

Urunani rw’amasendika y’abakozi mu Burundi (COSYBU) ruriyamiriza ipfungwa ry’agahotoro rya Bob Rugurika, umuyobozi wa RPA yahagaritswe azira akazi kiwe k’ukumenyeshamakuru. Urunani COSYBU rumenyesha ko rugiye kwitwarira Reta y’Uburundi mw’ishirahamwe mpuzamakungu ry’abakozi OIT

Mw’itangazo COSYBY (Confederation des Syndicats du Burundi), bamenyesha ko ipfungwa rya Bob Rugurika umuyobozi wa RPA rije guhonyanga ubwigenge bw’abakozi bwo gushikiriza ivyiyumviro, ubwigenge busanzwe butegekanywa n’amategeko mpuzamakungu Uburundi busanzwe bwarateyeko umukono, cane cane amasezerano nimero 87na 98 yerekana ubwigenge bw’abakozi mu gushinga amashirahamwe n’ukurwanira agateka kabo.

Tharcisse Gahungu, umukuru wa COSYBU yamenyesheje ko ipfungwa rya Bob Rugurika rije guhonyanga uburenganzira bw’abanyagihugu bw’ukumenyeshwa ibiba mu gihugu cabo, cane cane ikibazo gisanzwe gihambaye, c’ukumenya ukuri kw’igandagurwa ry’ababikira batatu b’abatariyanokazi ko kuri paruwasi Guido Maria Conforti mu Kamenge. Kubwa COSYBU, ipfungwa rya Bob Rugurika ni intumbero y’ugutera ubwoba abandi bamenyeshamakuru kugira ntibatange inkuru z’imvaho.

JPEG - 114.4 ko
Tharcisse Gahungu, umukuru wa COSYBU

COSYBU yasavye irekurwa rya Bob Rugurika atakirinze gusabwa, muri iyo sendika bakamenyesha abarundi n’amakungu ko bagiye kwitwarira Reta y’Uburundi mw’ishirahamwe mpuzamakungu ry’abakozi OIT (Organisation Internationale du Travail). Tharcisse Gahungu arongoye COSYBU yamenyesheje ko bazosaba amashirahamwe yo mu karere no kw’isi yose kugira abashigikire muri urwo rugamba rw’ugusaba irekurwa rya Bob Rugurika, bakamumenyesha ko bamushigikiye, abandi bamenyeshamakuru nabo bakaba basabwe ko batodoha kw’ibanga biyemeje ry’ugushikiriza amakuru abanyagihugu.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.